Amakuru - Ayandi makuru

Ayandi Makuru

inyuma y’amezi abiri,Bobbi Kristina umukobwa wa  Whitney Houston yavuye muri koma.

inyuma y’amezi abiri,Bobbi Kristina umukobwa wa Whitney Houston yavuye muri koma.

Haraheze amezi 2 Bobbi Kristina ,umukobwa wa Whitney Houston ataye ubwenge aho yari mu bitaro akaba yahema abifashijwemwo n’ivyuma inyuma yaho atorewe mu bwogero yataye ubwenge ariko gushika ubu atawuramenya icabiteye.
Ayandi makuru - Apr 20th 2015, 21:26
Kebby boy abandanya akora neza mugihugu ca Tanzaniya

Kebby boy abandanya akora neza mugihugu ca Tanzaniya

Inyuma y'ukwezi kurenga ari mugihugu ca Tanzaniya ,umuririmvyi Kebby Boy abandanya akora neza nkuko amakuru adushikira avyemeza .
Ayandi makuru - Apr 20th 2015, 12:26
MUKAMBA Jean Baptiste ntagihema umwuka  mw'abazima.

MUKAMBA Jean Baptiste ntagihema umwuka mw'abazima.

Umukinyi yigeze gukinira umurwi wa Athletico Olympic , Musanze , A s Kigali ndetse na Amagaju yitavye imana . Yahitanywe n'ingwara yokuvyimba inda nkuko tubikesha bamwe bamwegera.
Ayandi makuru - Apr 8th 2015, 13:29
Commando yagarutse mw’ireresi Terminator igice ca gatanu.

Commando yagarutse mw’ireresi Terminator igice ca gatanu.

Mu mwaka wa 2009 Arnold Schwarzenegger benshi bazi kw’izina rya Commando ntiyakinye m’urukurikirane rw ‘ireresi Terminator kubera amabanga yo kuba buramatari w’intara ya Californiya,imwe mu ma reta agize reta zunze ubumwe za Amerika.
Ayandi makuru - Apr 7th 2015, 22:00
Khaled yaciwe amande yagirizwa kwiba indirimbo yitwa Didi.

Khaled yaciwe amande yagirizwa kwiba indirimbo yitwa Didi.

Inyuma y’urubanza rwaciwe ku musi wa 5 uheze na sentare yo mu bufaransa,Jean-Marie Guilloux,umushingwamanza w’umuririmvyi wo muri Algeriya Cheb Rabah yavuze ko Khaled yivye indirimbo “Didi” iri mu mudiho wa raï bituma amenyekanira kundirimbo yivye.
Ayandi makuru - Apr 7th 2015, 21:58
Ntibisanzwe:Indaya zo muri Nigeriya  zatanze bonus y’imisi 3 kubera intsinzi y’umukuru w’igihugu mushasha.

Ntibisanzwe:Indaya zo muri Nigeriya zatanze bonus y’imisi 3 kubera intsinzi y’umukuru w’igihugu mushasha.

Muntumbero yo kwerekana umunezero no kwishimira intsinzi y’umukuru w’igihugu mushasha,indaya zo muri Nigeriya zatanze akanya kubanywanyi bazo mukiringo c’imisi 3 mu kubaha kubuntu.
Ayandi makuru - Apr 6th 2015, 22:32
Abavyeyi ba Jose Chameleone baba mu kazu kari hafi gusenyuka.

Abavyeyi ba Jose Chameleone baba mu kazu kari hafi gusenyuka.

Abavyeyi b’umuririmvyi wo mu Bugande Jose Chameleone bari mu buzima bugoye mugihe umuhungu wabo we ari mubaririmvyi batunze cane muri Afrika ubona ko afise amazu ndetse n’amamodoka meza.
Ayandi makuru - Apr 2nd 2015, 22:27
Psquare,Dr Jose Chameleone na Koffi Olomide  bari muri 10 bafise amafaranga menshi muri Afrika.

Psquare,Dr Jose Chameleone na Koffi Olomide bari muri 10 bafise amafaranga menshi muri Afrika.

Mu karere ka Afrika y’ubuseruko,umuririmvyi Dr Jose Chameleone wo mu gihugu c’ubugande ni we wenyene ari k’urutonde rw’abaririmvyi 10 bo muri afrika bafise amafaranga menshi.
Ayandi makuru - Apr 2nd 2015, 22:26
Kaka Boney yifashishije Bibiliya azanye indirimbo  "Turanse kuba abaja" ba Farawo.

Kaka Boney yifashishije Bibiliya azanye indirimbo "Turanse kuba abaja" ba Farawo.

Bonaventure Havyarimana yamenyekanye cane kw’izina rya Kaka Boney ,mu ndirimbo yiwe nshasha "Turanse kuba abaja" aririmba amabi yakozwe n’umwami Pharaon avugwa muri Bibiliya aho yari yagize abanya Israel abaja biwe adashaka ko bataha iwabo mu gihugu c’isezerano.
Ayandi makuru - Mar 31st 2015, 23:34
Kuri uyu wa 30 Ntwarante Celine  Dion yahimbaje imyaka 47 amaze avutse.

Kuri uyu wa 30 Ntwarante Celine Dion yahimbaje imyaka 47 amaze avutse.

Imyaka 47 irarumanye umuririmvyikazi Celine Dion yamenyekanye mundirimbo zitandukanye nka My Heart will go on,je chanterai n’izindi nyinshi avutse. Umuntu ubonye aho ageze wokwibaza ngo yahageze vyoroshe ariko benshi usanga baciye mu buzima bugoye.
Ayandi makuru - Mar 30th 2015, 22:02
Beyonce, Kelly hamwe na Michelle kuri stage imwe!! Ubu bimukiye muri gospel , video

Beyonce, Kelly hamwe na Michelle kuri stage imwe!! Ubu bimukiye muri gospel , video

Umurwi ugizwe Beyonce Knowless , Kelly Rowland hamwe na Michelle Williams , bamenyekanye cane mundirimbo zitarinke baririmbiye hamwe ,munyuma niho umwe wese yafashe inzira rwiwe. Ubu naho bahuriye kuri stage imwe baririmba indirimbo ya gospel.
Ayandi makuru - Mar 30th 2015, 14:48
P-Square bari mugihugu c’ubwongereza kuva kuri uyu wa gatanu.

P-Square bari mugihugu c’ubwongereza kuva kuri uyu wa gatanu.

Amahasa agize umurwi PSquare wo mu gihugu ca Nigeria bari mugihugu c’ubwongerza mugiteramo kiba kuri uyu wa 6 igenekerezo rya 28 Ntwarante 2015.
Ayandi makuru - Mar 28th 2015, 17:01
Diamond na Zari  bimukiye munzu imwe kugira bitegurire umwana bimirije kwibaruka.

Diamond na Zari bimukiye munzu imwe kugira bitegurire umwana bimirije kwibaruka.

Umuririmvyi Diamond n’umukunzi wiwe bamaze kwimukira munzu imwe kugira babane nk’umugore n’umugabo bashobore kwitegurira hamwe umwana bimirije kwibaruka.Iyi nzu bimukiyemwo ifise agaciro ka miliyoni 400 z’amashikingi ya Tanzaniya,ni iyo Diamond yaheruka kwubaka.
Ayandi makuru - Mar 27th 2015, 21:33
Amasanamu y’indirimbo Nsekera ya N John yamaze kuja ahabona-Video.

Amasanamu y’indirimbo Nsekera ya N John yamaze kuja ahabona-Video.

Inyuma y’imisi mike ashize hanze amajwi y’indirimbo nsekera,amasanamu yayo nayo yagiye hanze ayo nayo akaba yakorewe mu gihugu ca Kenya.Nsekera akaba ariyo ndirimbo yambere umuririmvyi N John Melodica akoze kuva avuye mu Burundi.
Ayandi makuru - Mar 26th 2015, 19:47
Jose Chameleone agiye kujanwa mu butungane na societe  Emma Productions.

Jose Chameleone agiye kujanwa mu butungane na societe Emma Productions.

UmuririmvyiJoseph Mayanja azwi cane kw'izina rya Jose Chameleone agomba asubire kujanwa mu butungane yagirizwa n’ishirahamwe Emma Productions kutubahiriza amasezerano yabahuza.
Ayandi makuru - Mar 25th 2015, 21:42
Kubagwa bitumye  Angelina Jolie atazosubira kuvyara.

Kubagwa bitumye Angelina Jolie atazosubira kuvyara.

Muntumbero yo kubandanya kwikingira indawara ya Cancer,Angelina Jolie ubu naho yibagishije udusabo ntangangore kugira ntimuhitane nkuko vyagendeye nyina .Ico gikorwa ngo gishobora gutuma atazopfa asubiriye kwibungenga.
Ayandi makuru - Mar 24th 2015, 23:20
Aletta na B-Face mugiteramo I Ngozi categuwe n’abaheruka guserukira iyo ntara muri Primusic 2014.

Aletta na B-Face mugiteramo I Ngozi categuwe n’abaheruka guserukira iyo ntara muri Primusic 2014.

Abaserukiye intara ya Ngozi muri Primusic 2014 barateguye igiteramo kizoba mu mpera zino ndwi babifashijwemwo n’ishirahamwe Brarudi.Kizoba kibaye igiteramo cambere bateguye kuva bagiye muri iryo higanwa ndetse kuva batanguye no kuririmba.
Ayandi makuru - Mar 24th 2015, 19:40
N John :Indirimbo Nsekera iriko ikorerwa amasanamu mugihugu ca Kenya-Amafoto.

N John :Indirimbo Nsekera iriko ikorerwa amasanamu mugihugu ca Kenya-Amafoto.

N John murikino gihe ari mu gikorwa co gukora amasanamu y'indirimbo Nsekera,ayo nayo akaba azoja ahabona mundwi iza.Avuga ko azokwitaba akamo ko gutaha batewe n’umushikiranganji w’inkino n’imico kama ,uwumutekano n’uwintwaro yo hagati mu gihugu kuko ngo uburundi arabukunda .
Ayandi makuru - Mar 20th 2015, 23:10
Umushikiranganji Adolphe RUKENKANYA avuga iki ku baririmvyi bahungiye hanze ?

Umushikiranganji Adolphe RUKENKANYA avuga iki ku baririmvyi bahungiye hanze ?

Adolphe RUKENKANYA aremera ko yavuganye n’umushikiranganji w’umutekano hamwe n’uw’intwaro yo hagati mu gihugu ku bijanye n’abaririmvyi Mkombozi, umurwi Lion Story, N John Melodica, na Ellyz Boy bivugwa ko bahunze kubera umutekano muke wabo. Rukenkanya Adolphe avuga ko abo bashikiranganji bose bamubwiye ko ata kibazo c’abo bazi.
Ayandi makuru - Mar 19th 2015, 22:50
Abarikumwe na AK 47 mu kabare imbere yuko yicwa batanguye guhamagazwa.

Abarikumwe na AK 47 mu kabare imbere yuko yicwa batanguye guhamagazwa.

Amatohoza yatanguye k’urupfu rw’umuririmvyi AK 47 aho yatanguriye kubo barikumwe mu kabare barimwo Diamond Oscar na Sheeba Karungi .
Ayandi makuru - Mar 19th 2015, 22:04

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Inkuru nyamukuru - Oct 18th 2015, 08:32

Inkuru zasomwe

Ayandi makuru - Jun 13th 2014, 00:03
Ayandi makuru - Apr 13th 2014, 11:42
Ayandi makuru - Apr 13th 2014, 10:30
Ayandi makuru - Jun 14th 2014, 14:35
Amakuru y'Inkino - Apr 13th 2014, 12:38
Amakuru y'Inkino - Aug 1st 2014, 15:27
Amakuru yo Kwidagadura - Mar 13th 2014, 09:30
Inkuru nyamukuru - Oct 18th 2015, 08:32
Ayandi makuru - Aug 8th 2014, 14:25
Amakuru yo Kwidagadura - Feb 18th 2014, 11:22