Imyiteguro yigiteramo Bye Bye Vacance yamaze kurangira
0

Imyiteguro y'igiteramo Bye Bye Vacance yamaze kurangira.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:08/09/2015
Muntumbero yo gufasha abanyeshure bariko baritegurira gusubira kumashule gutangura umwaka wishure,Label Isangi izaniye abanye Ngozi umuririmvyi Landy kugira abafashe kwidagadura mu giteramo bise Bye Bye Vacance.

Imyiteguro y'igiteramo Bye bye vacance kizobera mu gisagara ca Ngozi yaramaze kurangira nkuko amakuru afrifame yahawe n'abariko barabitegura i NNgozi abivuga.Ayo makuru avuga ko ikibanza,ivyuma vy'umuziki bizokoreshwa eka n'ibindi vyose vyankenerwa vyamaze gushika mu kibanza ico giteramo kizoberamwo.Bitegekanijwe ko umuririmvyi Landry Gateka azoduga imbere yo kuri uyu wa 5.Uwundi muririmvyi azorara i Ngozi kuri uy wa 5 ni Alice Keza azoza avuye i Kigali mu gihugu c'urwanada.Abandi baririmvyi bazoduga mugatondo ko kuri uy wa 6,umusi igiteramo kizoberako.

 

 a

Abazofasha umuririmvyi Landry Gateka ni   Frank G80,Kolly The magic na Alice Keza.Hazoba hari kandi Umurwi Good Peace w'i Ngozi nyene hamwe n'imirwi yintambo nka Butterfly w'i Ngozi n'inkumi 4 zo mu gisagara ca Bujumbura ziri mu murwi witwa Top Girls.

Ni ku musi  wa 6 igenekerezo rya  19 Nyakanga 2015 isaha cumi nimwe(17h).Tuvugana na Landry yagize ati:"Abanyengozi ni babe barabika ya noti nshasha yamahera 1000 gusa yaba uwukuze canke umwana.Umwanya ni amafaranga(Time is money),uwuzocererwa akarenza 17h amenye ko azosanga vyatanguye.Ni igiteramo twiteguriye bihagije ndazi ntibazogaya,kikazobera kuri Hotel New Bervedere mu gisagara ca Ngozi(north of Burundi)".

Kubwa Landry GATEKA ngo  imyiteguro i Ngozi yamaze kurangira ahubwo ngo hatevye kugera kugira bereke abo muri ico gisagara ivyo bamaze imisi babategurira.

Raba indirimbo Hora ya Landry Gateka

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane