NGENDABANKA Natacha mubiteramo vyagakura i Bujumbura
0

NGENDABANKA Natacha mubiteramo vyagakura i Bujumbura…

Posted By: Amidou Hassan - On:18/09/2015
Umuririmvyikazi NGENDABANKA Natacha inyuma y’ingendo yagize mugihugu ca Italie na Tanzaniya , kuri unowagatanu igenekerezo rya 18/9/2015 n’irya 21/9/2015 azoteramisha abakunzi biwe mubiteramo vyagakura . Ivyo yabivugiye mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru .

Kuri unowagatanu kukibanza citwa ‘Jardin public ‘ NGENDABANKA Natacha  (Ambassadrice wa UNFPA ) azoba ari mugiteramo cokwigisha abantu kuvyerekeye ikoreshwa ryagakingirizo mucivugo ‘’ Lancement officiel de la campagne dissémination du plan stratégique condom.’ Igiteramo cokuri uyuwagatanu azokigendesha afashijwe n’ishirahamwe UNFPA ,tubibutse yuko umwaka uheze yaranguye ibikorwa bitari bike aho yatewe iteka mukwugurura radio Colombe akaba yaririmvye uturirimbo tubiri twerekeye kuvyara kurugero , utwo turirimbo yaturirimvye imbere y’umukuru w’igihugu c’Uburundi . . Bobona , Lolilo , ndetse n’umurwi wa Peace and Love nibo bazofashanya muguteramisha .  Nkuko yabishikirije mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru yavuze yuko yiteguye bikwiye kuryohera abakunzi biwe mubiteramo bibiri azoshikiriza kimwe igenekerezo rya 18/9/2015 , ikindi itariki 21/9/2015 kuri Campus Kiriri , kikaba ari igiteramo categuwe muguhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe amahoro kw’isi , yaratowe bivanye n’indirimbo aririmba zihanura ,zinywanisha , zikongera zigahumuriza abarundi muri rusangi .

jjjjjjjj

Mubiteramo vyose uko ari bibiri azoba arikumwe n’abatamvyi biwe bagaragara muri iyoshusho mubona.

AMIDOU Hassan / afrifame.bi – Bujumbura.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane