Ururirimbo Amahoro rwa NATACHA rwarahawe ikibanza cambere mugiteramo cumusi mpuzamakungu wamahoro
0

Ururirimbo 'Amahoro' rwa NATACHA rwarahawe ikibanza cambere mugiteramo c'umusi mpuzamakungu w'amahoro ...

Posted By: Amidou Hassan - On:22/09/2015
Igenekerezo rya 21/9/2015 kukibuga c'Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore niho habereye igiteramo coguhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe amahoro kw'isi . Ivyobirori bikaba vyatewe iteka n'icegera cambere c'Umukuru w'igihugu SINDIMWO Gaston hamwe n'Umukuru w'igisagara .

NATACHA niwe wenyene yaririmvye akaba yaririmvye akaririmbo kamwe konyene , abantu batari bake bakaba aribo bishikiye kuri icokibanza mugihimbariza hamwe umusi mpuzamakungu wahariwe amahoro kw'isi .

sksksksks

Ibirori vyari vyatewe iteka nkuko twavyanditse aho hejuru n'abanyakubahwa batari bake .

kkdkkdkd

Igihe baririmba ururirimbo ' amahoro ' , abantu bari bishikiye kukibuga bahagurukiye hamwe baririmba urworuririmbo rwatowe n'indongozi z'igisagara ca Bujumbura kuba ururirimbo rw'umwaka mubijanye nubutumwa buhanitse bufise . Banyenicubahiro barahagurutse baratamba , baratarika n'umunezero mwinshi mukuyiririmba .

ssss

 Iyondirimbo yayiririmbanye n'abaririmvyi batari bake bazwi kandi bafise uburambe mumuziki ndundi , yayikoze n'umuhinyanyuzi yabigize umwuga AARON NITUNGA ndetse akayikorera muri imwe muma Studio akomeye cane mugisagara "MADIBA Records'' .

dkdkdkkddldldld

Umusi mpuzamakungu w'amahoro wahuriye n'umugambi washizwe ahabona igenekerezo rya 18 gushika 25 Gitugutu wokwigisha abanyagihugu ikoreshwa ry'udukingirizo mukwirinda gutwara inda baipfuje ndetse n'indwara zica mubihimba vy'irondoka harimwo na SIDA . 

Kumvo zuko abatari bake bikoze mugahogo muri akokaririmbo , abari ngaho bamufashije mukwumunganira muri Play back ni Mutama OGIGA hamwe na Mr Kendo . N’ubwambere kumakuru dufise NATACHA aririmba ( play back ) yikoze kuri CD kuva mumwaka w’2012 .

dkdkkdkd

Ivyobirori vyatangujwe n'urugendo rw'amahoro mugisagara ca Bujumbura .

Muri uyomwaka akaba yakoresheje Cd mugiteramo ciwe cogushira ahabona urukurikirane rwiwe “Mawe mwiza”

Raba isanamu y'indirimbo 'Amahoro ' :

 

AMIDOU Hassan / afrifame.bi - Bujumbura .

 

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane