N J mwamenye mundirimbo Utujede ariko akora album ya 3 na film yise Utujede
0

N J mwamenye mundirimbo “Utujede” ariko akora album ya 3 na film yise Utujede.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:06/10/2015
Inyuma y’indirimbo benshi bamenye kw’izina “Utujede”,umuririmvyi Ayoub Ephraim benshi bazi cane kw’izina rya NJ ubu akora indirimbo z’ihimbaza Imana gusa hamwe n’ireresi irimwo vyinshi mubiri mundirimbo ziwe.

Mu mwaka wa 2004 niho indirimbo Utujede yakozwe n’umunyamuyinga NJ ndetse yongera iranavuzwa cane yongera irerekanwa cane ku mboneshakure y’igihugu.Inyuma yico gihe,uwo muririmvyi ntiyasubiriye kuboneka cane mu muziki.Afrifame yaramwegereye kugira imenye ivyo ariko arakora muri kino gihe.

a

Yagize ati:”Inyuma yirya ndirimbo Utujede  sinaciye nicara kuko nagumye nkora.Narakoze album yose utujede iriko indirimbo 12 hanyuma ndakora iyindi album iriko indirimbo 12 nyene yitwa Umuvyeyi.Inyuma yizo album 2 naciye nakira agakiza mw’ishengero Adventiste i  Muyinga aho nsanzwe mba ubu,sinasubiriye kuririmba indirimbo zitari izihimbaza imana(Profane).Narakoze izitari nke zirimwo iyitwa Subiza inkota murwubati,Niwiganzire,No one like you  Jesus,Majalibu,Nfise ubwoba,nditonze na Negamiye igiti kibisi.ubu ndiko nkora izindi kugira zikwire 12 mbone guheraheza album  ya gatatu nahaye izina “Nubatse k’urutare”.

a                                                                                                                                                     

Hambavu yiyo album ariko arakora,ariko akora kandi  ireresi “Utujede” izobonekamwo inkuru canke amafoto abantu babonye mu ndirimbo ziwe nka :Utujede,Sisiliya n’izindi.Amakuru afrifame yahawe na NJ avuga ko iyo Album azoyishira ahabona mu giteramo kizoba mukwezi kwa Munyonyo,tukazobibamenyesha amatariki n'ikibanza nivyamara kuja ahabona.Iyo reresi  Nj avuga ko izoja ahabona muntango z’umwaka wa 2016 kandi ngo arizeye ko izoba yaheze aravye aho agejeje ibikorwa.

a

NJ n'umuryango wiwe.

Umuririmvyi Ayoub Ephraim ubu afise imyaka 36 akaba avyaye kabiri aho umwana wambere yiga mumwaka wa 2 wamashule yo kwimenyereza ico bita maternel mu gifaransa nayo uwakabiri afise imyaka 2.Muri kino gihe aba mu gisagara ca Muyinga ,ubu akaba  ariko akorana na studio Hope Talent Studio y’umuhinyanyuzi Robert  Ingabire wo mu gisagara ca Ngozi.Mu ntumbero yo gufasha abaririmvyi bo ngaho I muyinga iyo studio ikaba iriko irashinga mu gisagara ca Muyinga ishami rya studio Hope Talent.

Raba ngaha musi amasanamu y’indirimbo Utujede.


Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane