Umuririmvyi Ciprolight ari mukugira ubugeni
1

Umuririmvyi Ciprolight ari mukugira ubugeni

Posted By: Claude Mvuyekure - On:15/10/2015
Hambavu y’ibikorwa vy’umuziki ariko arakora,umuririmvyi Ciprolight ariko yitegurira ubugeni n’umukunzi wiwe .

Umuririmvyi  Bigirimana Cyprien azwi kw’izina rya Cyprolight afise umukunzi mushasha aba mu gihugu ca Australiya ndetse ngo urukundo rwabo rugeze aho bategura no kugira ubugeni.Ciprolight na Esperance Muhoza ngo ubugeni bwabo bipfuza ko buba mumpera zuno mwaka mukwezi kwa kigarama canke mukwezi kwambere umwaka wa 2016.Uwo bipfuza kubana  amakuru dufise ni uko batarabonana  kuko ngo boba bahujwe nubuhinga bwa none  hanyuma imigambi yose bakaba bayikora biciye kuri ubwo buhinga no kuri telephone.

a

Tukabamenyesha ko Ciprolight afise indirimbo nshasha yitwa Ushaka iki yakoranye na T-Max imaze imisi mike igiye ahabona.Muri kino gihe akaba agiye  gukora amasanamu y’indirimbo  Nipe jibu izokorwa na Kent-P,shooting ikazobera ikiriri,kigobe kumuusi wa 6  wino ndwi atagihindutse.Ico gikorwa kikaba casivye kumusi wa 6 windwi iheze kubera hari ivyuma bimwe bimwe umuhinyanyuzi Kent-P yararindiriye ko biboneka nkuko vyemezwa n’umuririmvyi  Cipro.

a

Ciprolight  ni inde?

Amazina yiwe yukuri ni Bigirimana Cyprien.Yatanguye umuziki igenekerezo rya  3 Rusama 2012.Indirimbo amaze gukora ni:We gonna dance,Urukundo,Kiss me,Nipe jibu,Ushaka iki

Hamwe n’izindi zigiye gusohoka arizo:Ndemeye ,Indoto ,Sex  na Indahiro.Ciprolight yavutse 1992 muri commune mugongo- manga muntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura  rural.Se wiwe yitwa Nakobedetse Damien mugihe nyina nawe yitwa  Hatungimana Generose.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Ivyiyumviro: 1

SENGA: Oct 16th 2015, 20:35
NDRIKE


Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane