Album ya kabiri ya Bobona  mundwi zibiri  izoba yarangiye
0

Album ya kabiri ya Bobona mundwi zibiri izoba yarangiye.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:16/10/2015
Bobona ariko aheraheza album yiwe ya kabiri iriko ikorerwa muri Madiba.Bitegekanijwe ko mundwi 2 izoba irangiye hanyuma ace atandukira igikorwa co gukora video z’indirimbo zimwe zimwe.

Umuririmvyi Bonfils Nikuze azwii cane kw’izina rya  Bobona inyuma y’amezi 6 ariko arakora urukurikirane(Album) rugira kabiri,muri kino gihe ariko aramarira ico gikorwa.Urwo rukurikirane yise « Abagenzi »mumpera z’ukwezi kwa gitugutu ruzoba ruriko rurarangira.Ariko rero naho izoba irangiye igikorwa co kuyishira ahabona ntikizoca kiba ubwo nyene kuko ategura kuyishira ahabona mukwezi kwa Ruheshi umwaka wa 2016.

a

Album ya Bobona kugira isohoke bizosaba yuko aba afise site web kw’izina ryiwe,bizosaba ko abamufashije kugira ayikore bashirako umukono(signature) bizosaba ko izo ndirimbo zija kumbuga nka Itunes,Amazon,Deezer,Spotify n’izindi aho bizotuma iyo album igira agaciro. Benshi bokwibaza ko yipfuza amahera kubera izo mbuga ngurukana bumenyi nyinshi ari izigurisha indirimbo, ariko Bobona avuga ko  atarivyo kuko mu burundi ari bakeyi bakoresha ubwo buhinga bwokugura indirimbo biciye kuri internet mugabo umuririmvyi wo muri kino gihe ngo ni vyiza ko yokoresha izo mbuga mukwiha agaciro.

 a

Bobona n'umuryango wiwe.

Urwo rukurikirane rugizwe n’ibice 2 :Indirimbo accoustique hamwe n’ikindi kigizwe n’umudiho unyaruka.Kuba yayikoze umwanya munini asigura avuga ko yari yashatse kuyitondera kugira isohoke imeze neza.Ivyo kuyishira ahabona avuga ko bishobora kutabera mu Burundi hagakekwa ko bishobora kubera mu gihugu c’ubutaliyano aho asanzwe afitiye umugore.

 Haraheze imisi yipfuza gukora amasanamu y’indirimbo Choubila ariko haca haba ikibazo c’umwanya kubera akazi kenshi ko gutegura indirimbo ziri kuri urwo rukurikirane rwiwe rwa kabiri ruje rukurikira urwambere yise « Ikirangamisi » yashize ahabona mu mwaka wa 2012.Umwaka uheze niho Bobona yamenyekana ku rwego mpuzamakungu inyuma yo gutahukana ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa Prix Découvertes RFI 2014 ritegurwa na Radio y’abafaransa Rfi,aho ikibanza cambere catwawe n’ Umuririmvyikazi wo muri Sénégal  yitwa  Marema.

 

Tukarangiza tubamenyesha ko hari  video agiye gukorana n’inzu iri mubutaliyano yitwa TEKNOLAB VIDEO.

 Raba amasanamu y'indirimbo Inumire

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane