Menya ibintu umuririmvyikazi NATACHA akunda mubuzima bwiwe bwamisi yose
0

Menya ibintu umuririmvyikazi NATACHA akunda mubuzima bwiwe bwamisi yose

Posted By: Amidou Hassan - On:18/10/2015
Mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kubijanye n’akazi kiwe asanzwe yubaha , akunda cane , Natacha NGENDABANKA yagarutse kubintu bimwe bimwe akunda mubuzima bwiwe bwamisi yose. Tubibutse yuko muri uyomubonano kari akaryo keza kogushikiriza indirimbo yiwe nshasha yakoranye na YAMOTO Band.

Ururirimbo ‘UNANIONGOPEYA’ nirwo NATACHA yashikirije abamenyeshamakuru bishikiye mukiganiro cari categuwe kubwabo . Urworuririmbo nkuko yabishikirije kugira rukorwe vyamufashe umwanya uteri muto , imbere na mbere guhura n’abagize umurwi YAMOTO Band ntivyari vyoroshe .

dldlldldd

Yamenyesheje yuko bashimye  kuyikora bishimikije umudiho kavukire bongeyeko n’akantu kikinya afrika cane .

dldldlld

Kubw’ikinyamakuru afrifame.bi twaciye dufatiraho mukumubaza utubazo nkoramutima tujanye n’ukuntu abayeho mubuzima bwiwe bwamisi yose , ivyo akunda nivyo agaya .

Afrifafame.bi : N’irihe bara ukunda mubuzima ?

Natacha : Kera nahora nkunda cane amabara abiri (Noir et blanc ) , ubu naho nikundira amabara yose kiretse (Mauve)  kuko iyondayibonye cambona urupfu , naho umuntu ampaye agashimwe kiryobara candagatanga.

Afrifame.bi : N’izihe mfungurwa ukunda , nimbi ari wewe uteguye . Utegurira iki umugabo wawe?

Natacha : Ndamutegurira imfungurwa z’ikinya afrika , ibiharage ,umuceri ,inyama z’ibitunguru … ubugari ntabwo akunda . Akaba yarambujije kurya inyama buri musi kuko inyama ntabwo arivyiza kuzirya imisi yose . Kubwanje nikundira imfungurwa z’ubwoko bwose kiretse inyama zaburi musi  , ndayirya rimwe mundwi .

Afrifame.bi : Iyo uri imuhira uriko uraraba TV , ukunda kuraba ibiganiro bimeze gute ?

Natacha : Ndakunda kuraba indirimbo z’abandi baririmvyi , iyo berekanye indirimbo zanje hoho birampimbara cane bigatuma iyo hari nka champagne , wine canke ifanta nkaca nihereza . N’icokimwe nokw’iradiyo iyo numvise bavugije indirimbo zanje .

Afrifame.bi : Ni ikihe kinyobwa ukunda ?

Natacha : Nkunda ifanta cane , nkunda coke canke sprite.

Afrifame.bi :  Ni iyihe sport ukunda ?

Natacha : Nkunda Natation , nkunda kwiruka muri tapis roulant kuko sinkunda kwiruhisha cane .

Afrifame.bi : Uramukunda umugabo wawe ? Garagaza ukuntu umukunda!

Natacha : Yoo!! Ndamukunda cane kuko kuri jewe nikurimara , arazi urukundo , anguma hafi ahondi hose , n’umuntu mvuga yuko ari vyose kuri jewe , ndamukunda kandi cane rwose kandi nawe arankunda ampa urukundo rw’ikizungu ndetse n’urwikinyafrika kuko amaze kuba mu Burundi igihe kitari gito ,ndakunda n’abana banje cane rwose ubu nkaba mfise babiri.

dddddd
AMIDOU Hassan / afrifame.bi - Bujumbura  

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane