Uretse ama Radio  gusa abandi bose bazoriha kugira baronke indirimboEric
0

Uretse ama Radio gusa abandi bose bazoriha kugira baronke indirimbo,Eric.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:20/10/2015
Label Isangi igiye gutanguza umugambi wo kugura no kugurisha indirimbo z’abaririmvyi biciye kubuhinga ngurukanabumenyi.Eric Ndayikengurutsearongoye label avuga ko igihe co gutanga indirimbo kubuntu carenganye.

Muntumbero yo guteza imbere abaririmvyi b’abarundi biciye muvyo bakora,Isangi Label igiye gutangura kugura no kugurisha indirimbo.Uwo mugambi ugiye gutangurira ku ndirimbo nshasha y’umuririmvyi Landry Gateka asanzwe afitaniye amasezerano yo gukorana na Label mu kiringo c’umwaka wose.Iyo ndirimbo  iriko ikorerwa muri Indonyi Records izosohoka muri ino ndwi ice isohokera ku binyamakuru isangi hamwe na  www.bujaflava.com gusa.Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Isangi abivuga ,ngo iyo ndirimbo nshasha ya Landry niyasohoka ngo   ntamuntu n’umwe azoyironka  k’ubuntu uretse amaradio gusa,abo ku masite bazoba bakeneye kuyishira kubinyamakuru vyabo bazoriha amafaranga ibihumbi  10 y’amarundi co kimwe n’uwundi muntu wese azoba akeneye iyo ndirimbo. Abazoyishira ku binyamakuru(site web) ataruhusha bahawe, bazosabwa Kuyikurako.

 

Eric Ndayikengurutse nyene Label avuga ko indirimbo zabo bafitaniye amasezerano yo gukorana zizokoranwa ubuhinga bukomeye hamwe atawuzopfa kuzikoresha mugihe ataruhusha yahawe(Droit de terre). Abazokenera kuyitora kubinyamakuru(download) ,iyo ndirimbo izoba iri ku kinyamakuru  Isangi kuma dolari y’abanyamerika 0,99 ( $0.99)ariko abazoba bakeneye kuyumviriza bobo ngo  ni kubuntu .

a 

Eric Ndayikengurutse.

Eric nkuko abisigura agira ati:” Mboneyeho akaryo ko gutera akamo abantu basohora indirimbo kwiga ukuntu bozivyazamwo amafaranga kuko basohora amahera menshi mukuzikora, rero guca bazitanga k’ubuntu  ku ma web site nibo baba bariko barungukira.Ikindi kuri Isangi ni uko  mu ndirimbo z’abandi ba Artist mu misi iri imbere  tuzoza turatanga ayo mahera kugira dushire indirimbo zabo kuri site yacu.Aha rero nciye mboneraho akaryo ko  gusaba ko n’ayandi ma site yokurikiza uwo muco uje gufasha guteza Imbere umuziki w’i Burundi kuko ama site iyo ashirako indirimbo niyo yunguka  kubera niyo ashora ama promo(advertising).”

a 

Gushika ubu Isangi label iriko irakorana n’abaririmvyi 2 aribo Landry Gateka na Alice keza,bimwe mu bikorwa Landry na Alice bariko barakorerwa ni indirimbo mu buryo bw’amajwi imbere yuko batangura gukorerwa ama video.Tukabibutsa ko Isangi yaheruka gukorera  Landry igiteramo  igenekerezo rya  19 Nyakanga,ico naco kikaba cabereye mu gisagara ca Ngozi mu buraruko bw’igihugu.

 

 Source:Isangi.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane