Uyu niwe Domitile Kiramvu umumenyeshamakuru yumvirizwa cane igihe camakuru yikirundi kuri RPA
44

Uyu niwe Domitile Kiramvu, umumenyeshamakuru yumvirizwa cane igihe c'amakuru y’ikirundi kuri RPA.

Posted By: Yvan Akimana - On:13/06/2014
Umumenyeshamakuru Domitile Kiramvu akorera iradiyo ‘’Ijwi ry’abanyagihugu(RPA)’’ yumvirizwa cane mu gihe ca makuru y’ikurundi, arubatse afise abana batatu.Twashatse kumenya uwari we nico yamaze mu mwuga wo kumenyesha amakuru.

Mu kiganiro Kiramvu yahaye ikinyamakuru ngurukana bumenyi Afrifame.bi yamenyesheje ko akwije imyaka 50 n’imyaka 28 mu mwuga wo kumenyesha amakuru,yataguriye mw’iradiyo y’igihugu (RTNB) aho yashikiriza amakuru mu rurimi rwi gifaransa amarayo imyaka 13. Yinjiye mu mwuga wo kumenyesha amakuru avyisabiye mu gihe yarahejeje amashure yisumbuye kuri Athene Gitega ariko abisaba kubera yashaka kwiga amashure magufi yariho ico gihe (Journalisme, Isco, Enapo, Commerce hamwe na yandi) kugira afashe umuvyeyi wiwe yarasigaye wenyene. Kiramvu yabaye mu mbere bize ishure ryo kumenyesha amakuru kuko bari bakeneye abakozi. Kumenyesha amakuru vyaramworoheye cane kuko kuva mu mwaka w’icuma gushika aheze yama akina ivyese bimwe bita ‘’Theatre’’ mu gifaransa. Twashatse kumenya aho akura amajambo y’ikirundi amwe amwe nka karorero: Ivyamfurambi, irementanya, ibomborabombora, yegereyegere, zuguruzuguru hamwe na yandi yazanye aho benshi bibaza kari mashasha, mbega ayo majambo nico kirundi muyakura hehe? agire ati: ‘’ Ico Kirundi nagiye ndongereza kuvyo narisanzwe nzi n'sibindi twavyumva ku ziko kwa nyokuru hama nkagenda ndagereranya nivyo tubona ubu biriko biraba nkabikoresha”. Kuba avuga amakuru y’ikirundi mu gihe yavuga neza ayi gifaransa mw’iradiyo y’igihugu (Radio National) kuriwe yagize ico abivugako mugihe abo barikumwe bose birukira mu gisata ca makuru mu gifaransa hari ikindi gisata c'ikirundi ashima kugeregeza gufasha murico gisata ca makuru y’ikirundi kuko bari bakiri bake ico gihe. Kiramvu yaragize ico avuga ku bijanye numwe mu bana biwe baririmba Fl benshi bazi kwizina rya Nineteenth hamwe n’ibindi muzomenya ico yabivuzeko mu makuru yacu yo hanyuma.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Ivyiyumviro: 44

aluno: Nov 17th 2015, 08:00
uko wapi sasa?

gerard: Nov 10th 2015, 20:54
kiramvu n umwe mubakenyezi bijambo kandi tuzoguma tumwibuka.\n

Annonymous: Nov 10th 2015, 07:43
UYO MUVYEYI TURAMUKUNDA,KK YATUGEZAHO AMAKURU Y'UKURI.NON UBU ARI HE?MU BIKI?TURAMUYAMBIRIYE

georges: Nov 9th 2015, 22:03
kuramvu ntawutamukunda arizi kuryohora amakuru

salim: Oct 30th 2015, 06:23
Mivyeyi mwiza waragiye turababara ndetse jew kuvugiy ntaradio numviriza ngo numveko nyuzwe nkuko inkuru yaw yanyuraga hangamaimana igutereke

ngabiranevelyne: Oct 14th 2015, 05:55
Madame komera kw bang warahezagiw n Imana.ubandany ukoresh iyo ngabirano yaguhay izokuzigam ntaco uzoba.buroca knd nta mvur idahita

jado: Oct 5th 2015, 16:07
Inkumbu zirarenze!Garuka uyavuge turayanyotewe.Imana ikuje imbere.

Nepo: Aug 31st 2015, 11:51
Ooh!Igihugu Kigeze Ahatemba

Annonymous: Aug 8th 2015, 21:52
courage madame

Annonymous: Aug 5th 2015, 22:09
Ubu kiranvu arihe akora iki

damas: Aug 4th 2015, 21:28
kiramvu nukuri garuka iburundi,kuko turagukeneye,amajambo wakoresha mukumenyesha amakuru yaratwungura ubumenyi.igihugu kikwitezeko vyinshi kubwanje ndagusabira imigisha ku Mana kugira uteruja imbere mubikorwa,murakoze

Annonymous: Jul 31st 2015, 21:13
nonone ubu kiranvu arihe agezehe imana imihezagir imufashe bandanye terambere poa

Ndonda: Jul 30th 2015, 20:49
Naje hiyo sha!nabwire abatamuzi,Domitira gusa yagize amahirwe yo kuba imumenyesha makuru ubundi ntamashure afita akwiriye ako kazi uretsr kwiyemera gusa.

Annonymous: Jul 9th 2015, 12:52
Iciyumviro cawe,Amakuruyunomusi

Annonymous: Jun 24th 2015, 19:48
ndashimwe amakur

eric: Jun 18th 2015, 21:49
ndizeye cane ko Imana inzamuhenzagira kubyo yakoreye uburundi ariko turamutakambiye ntadusige muraka kaga agaruke turahonye nka binkoko uhenzagigwe kubyo wadukoreye

Désiré: Jun 3rd 2015, 14:03
Uuh!ese imana yosubira kumudushikiriza nayo tugowe!uradutabara ugaruka ugarure uburundi bugeze kure.emwe cambu cawamuririmvyi imbwebwe ziraduhekenya ntakabuza ko nuw muvyeYI ATARI HAFI NGWAZ ARAVUGA ISHAMBA zinyegejemw ubuhoho ngoziri mugisagara ngo nomubiro.zaraduhekenyeye amaradiyo yacu.muze mwese tuzituze.welcome again kiramvu.

Annonymous: May 30th 2015, 11:18
bob rugurika

Annonymous: May 30th 2015, 11:16
bob rugurika

Romuald: May 29th 2015, 15:25
Domitile naho iradiyo yacu yahuye n,abasi uragaruka turagukmbuye!ne uzogaruka?waradutaye,kimwe gusa ntitworohewe,mbere udusengere nka twebwe turi kuri kaminuza y,uburundi.umu poil ageze mubuhungiro.twari tugukeneneyubu.\n

johnas: May 27th 2015, 14:00
Iciyumviro canje non kiravu domitile arihehe.

Annonymous: May 26th 2015, 20:59
Nanyarke kk tramukney cne mbe ydusigyend?ningmbwa kgarka!knd twebw abfanz tzomca amnde kk ntyatmenyshje mukwgend

Kadogo: May 24th 2015, 06:45
Iciyumviro cawe Jewe Mbona Yogaruka Kuko Turamukumbuye Cane Imana Imuhezagire

NGABONZIZA: May 14th 2015, 17:49
n,intwari mumwuga ww yigiy,abandi bamnyshashamakuru vakwiy kumufatirako akarorero

nsanzingororeleonidas: May 10th 2015, 18:34
Nimp Atarageramuzabukurungwakukuruke Mbona Yarakwiyekugaruka Akatunezereza Turamukundagose.

Annonymous: May 9th 2015, 09:26
Ahubwo ubu turamunyotewe cane, kuva aho abaterekwa umwuga wiwe bugariye aho yahora yikorera mugahogo. Ariko ni areme, ngo nta mvura idahita, vyose bizohera dusubire mu bihe vyo kwidegwmvya.
Annonymous: May 4th 2015, 17:45
yagiyehe? kiranvu kotutakimw? iman'imuhumugisha

Asmam: May 2nd 2015, 06:07
Kiramvu Turamukunda Turanamukumbuye Nakomezumwuga Wiwe Azikiye Yagakoraneza Yagasavye Agashaka Nabandi Nababere Akarorero Imana Imuhezagire Amen

amina: Apr 22nd 2015, 14:02
kiramvu imanayahaye igikundiro dufashe uzusubire uvugamakuru ubutugeza hatemba waduhayende

Annonymous: Apr 13th 2015, 06:38
JEWE NDI BURAMENYERWA JUMA INNE ICIYUMVIRO KURI KIRAMVU NAKOMEZE UMWUGA WIWE NAHO ABAMENYESHA MAKURU BATOTEZWA.

ishimwe: Apr 12th 2015, 06:10
Ntacuzaba

Annonymous: Apr 10th 2015, 21:49
Kiranvu nakomer ndamukunda cane.mbe kotutakimwunva arih?ntahemuke kwibanga ngwamere nkabariko bakoreshwa. Muraze

Annonymous: Apr 8th 2015, 12:24
INES BANANDANYA UMWUGA WAWE NI SAWA KOWAPOTEYE UDAKUNDA KUVUGA AMAKURU KURI RADIO

Annonymous: Apr 6th 2015, 06:21
mbe ubu kiramvu ari he?

THIERRY: Mar 31st 2015, 20:57
ndabaza none kiramvu ariheh ubu,ari mubiki?

Annonymous: Mar 15th 2015, 16:31
URAGAHEZAGIGWA DOMITILA.IKIRUNDI N AKARANGA BIKURANGE

marc: Feb 1st 2015, 23:01
nukuri kiramvu afise ijwi rituma yumvikana kuko ntawe atinya canke ngo atukane nakomere naho abamenyesha makuru batorohewe muriki gihe

Ahmed: Dec 31st 2014, 12:16
Shikamoo Maadam Kwema..Nakutakia maisha mema yenye baraka za mwenyezi mungu.Nakuombea dua kwa mwenye-enzi akuhifathi na mitihani na misukusuko,Akujalie neema katika kazi yako ..tunakupenda kwatarifazako moto moto z'ukweli hazina shaka mungu akubariki ..kazi jema na mafanikio yakazi ameen

Innocent: Nov 30th 2014, 21:07
umupfasoni Imana yatyoroye!uragahezagirwa n'Imana.ukurinda n'ingabire y'Imana.abarundi buca tukugira la modèle de la journalisme.hezagirwa

ELIAS: Nov 28th 2014, 06:30
Domitile Ek urintore nutnya kuvuga ukuri kandi ntutinya igihagararo eka ntutinya amasa yibihangange! eka urintwari komara kwibanga imana ikurinde bimwenyi.

Annonymous: Oct 4th 2014, 17:24
imana ibane nawe

Annonymous: Sep 4th 2014, 22:08
Emwe kiramvu ari mubotuzibuka igihugi nicagira iteka n ,itekane avugira abana babarundi komera kumuheto ururimi rukurira hagati y amajiga n amabwena

Annonymous: Jun 16th 2014, 14:43
imana ikujimbere mugenzi wanje uwukwanka akwandureko

Therence: Jun 15th 2014, 18:35
Kiramvu Domitila Imana Imuhezagire. Gira Aho Wubahwe Maweeh! Umuryango N'ishule Fondammentale@. Abo Bose Baja Kure Y'umuryango N'imyibutsa Y@agakondo, Kugira Ubwenge Ni Nko Kubona Ubwoya Ku Ryinyo Rya Muzitsa.


Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane