PRIMUSIC 2014  Dr Jose Chameleone niwe Guest artist  muri finalvyavuzwe mukiganiro Brarudi yahaye abanditsi nabamenyeshamakuru
2

PRIMUSIC 2014 : Dr Jose Chameleone niwe ‘Guest artist ‘ muri final,vyavuzwe mukiganiro Brarudi yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru

Posted By: Amidou Hassan - On:08/08/2014
Aline Asselot, Christian Kabirigi , Eloge Nzeyimana ,Bazikamwe Aline bahuriye uno unomusi mukibanza abaririmvyi 12 bariko barahabwa inyigisho zijanye n'umuziki . Igikorwa cari icokwerekana Abaririmvyi 12 hamwe nokwereka Umwigisha yabigize umwuga ava mugihugu ca Kenya ,icanyma yari nogutangaza yuko umu Guest artist unomwaka ari Dr Jose Chameleone

Unomusi mugitondo igenekerezo ry'8 Myandagaro 2014 , uwusanzwe ahagarikiye igisata ca Marketing muri Brarudi Aline Asselot arikumwe n'abasanzwe bakora mugisata cokumenyeshamakuru hamwe n'uwusanzwe arongoye ihiganwa Primusic unomwaka Christian KABIRIGI. Muri icokiganiro uwatanguye gufata ijambo ni Aline Asselot aho yashimikiye cane cane kugaragaza umunezero afisa kubijanye n'akazi keza abamenyeshamakuru bakora kubijanye nokumenyekanisha ihiganwa Primusic , akaba yashoboye nogufata akanya kwerekana abaririmvyi 12 ,muri abo hashoboye kuboneka abaririmvyi 10 kuko Christian ( 10) hamwe na Gabby Igwe ( 6) bari bafatiriwe  , mubari ngaho ni :

assddd

1. Olga Lorie - Kirundo

2. Kiki Toure - Bujumbura - Mairie

3. Levis - Mwaro

4. Jean Junior - Gitega

5. Sosthene - Ngozi

 

7. Eduin Trond - Ngozi

8. Methode - Bujumbura - Mairie

9. Aletta - Bubanza

 

11. Moise - Bujumbura -rural

12. El Pedro - Bujumbura - Mairie

aassddasssdd

* Kari n'akaryo keza kokwerekana MERCY MUTHUI , umwigisha mpuzamakungu yabigize umwuga afise ikibanza kinini mubijanye nokurongora ijwi neza .

assdd

MERCY MUTHUI,umwigisha unomwaka ,umwaka uheze yari DENISE Gordon ava muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Aje ava mugihugu ca Kenya , asanzwe ari umuririmvyi yikorako mutwishi mubijanye n'umuziki  ( polyvalente ) , akaba yaramaze gukurikira inyigisho zitarinke mubijanye n'ivyo vyokurongora ijwi ( formation vocale ) , kubijanye nokwifata neza kuri scene , kwandika indirimbo tutibagiye gucuraranga babicishije mubikoresho ( instruments musicaux ) nka piano , guitare hamwe n'ingoma ( Batterie ). Yamenyesheje kandi yuko MERCY MUTHUI amaze gufasha canke kuboneka nk'umwigisha mumahiganwa akomeye nka Tusker project Fame 5 , Bona Tunes Band ...

* Umuririmvyi Dr Jose Chameleon niwe azoba aje kuba Guest artist kumusi wanyuma ( Finale ) .

* Aline Asselot yabandanije avuga yuko nk'imyaka iheruka ,unomwaka kandi abanyagihugu bararekuriwe gutora babicishije kuri terefone ngendanwa mukwandika mubutumwa 'Primus' bagasiga akanya  bagaca bandika inimero bahisemwo muri izo 12 hama bakarungika kuri 155 , ubutumwa butwara amahera 50 . Abanyagihugu bararekuriwe gutora babicishije kuri website ya www.primusic.bi , inimero irekuriwe gutora rimwe kumusi . Kubijanye n'ayomatora biciye kuri ubwobuhinga , ibice 30% nivyo bizoja muri ivyo vyogutora kuri SMS na Internet hama ibice 70% abajejwe gutanga amanota ( Jury ) nivyo biraba .

Ibibazo bitari bike vyashoboye kubazwa kubijanye n'imyaka 2 iheruka ihiganwa ritunganijwe , inyishu zitomoye zikaba zarashobowe guhabwa . Muri ivyobibazo hari nka :

 ddddff

Gilbert NININAHAZWE / Rtnb hamwe na Nelly BAZIKAMWE /  Communication Manager Brarudi.

Q- Mumwaka w'2015 ko tuzi yuko muburundi hazoba ari amatora ,mbe ihiganwa rya Primusic rizoba canke ?

R* Inyishu batanze nuko ngo bazogerageza ukuri kwamye kuraba uko amatariki azoba yifashe hama ihiganwa ritunganwe .

Q- Kuki batoye Dr Jose Chameleon ?

R* Yatowe bivanye nuko bashoboye kugira ibiganiro vyiza nawe , akaba kandi ariwe muvyegeranyo bafise yashoboye kuronka amajwi menshi gusumba abandi , niwe Gikundiro kubarundi .

Q- Umwaka uheze igihe JAGUAR yinjiye kuri scene , haciye habura umuyagankuba ,niyaririmvye , uno mwaka nivyoshikira Chameleon ?

 sssdsdd

R* Ntavyo twibaza kuko unomwaka twiteguye bikwiye , mutekane.

Q- Kuki unomwaka Abaserukizi batambara imipira igaragaza ikinyobwa 'Primus' nko mumwaka uheze ?

R* Unomwaka twahaye akanya abaririmvyi berekane impuzu bafise ( swaggar ) 

Q- Mumyaka iheze abajejwe gutanga amanota bashikira igitigiri ca 5 mugice ca 4 n'icakabiri gishira icanyuma , unomwaka ko bagumye ari batatu ?

R* Twabonye yuko vyoba vyiza ko baguma ari 3 bivanye nuko bazi abaririmvyi , babakurikiranye kuva bagitangura gushika naho bageze ubu . 

asdddfff

Igice cakabiri gishira icanyuma n'igenekerezo rya 16 Myandagaro 2014 i Gitega , 12 guteranya 34 bazoronswa umwe wese amahera angana n'ibihumbi 100.  Utundi dushimwe dusigaye nikubasigaye , mwibuke yuko uwambere unomwaka ari imiriyoni 20 ( 20.000.000 Frsbu ) . Ninde azoyatwara ? Wait and see...

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Ivyiyumviro: 2

rukera: Jan 27th 2015, 16:32
Abarundi muzogire amatora meza ariko natwe turi hanze yigihugu muzotwibuke kuko twonse rimwe

juma: Aug 9th 2014, 13:26
je vote pour EL PEDRO


Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane