inyuma yamezi abiriBobbi Kristina umukobwa wa  Whitney Houston yavuye muri koma
0

inyuma y’amezi abiri,Bobbi Kristina umukobwa wa Whitney Houston yavuye muri koma.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:20/04/2015
Haraheze amezi 2 Bobbi Kristina ,umukobwa wa Whitney Houston ataye ubwenge aho yari mu bitaro akaba yahema abifashijwemwo n’ivyuma inyuma yaho atorewe mu bwogero yataye ubwenge ariko gushika ubu atawuramenya icabiteye.

Bobby Brown se wa Bobbi Kristina  yabwiye abakunzi biwe mumpera zindwi iheze  ko ubu umukobwa wiwe yavuye muri koma ahubwo  ngo ariko  aramuraba  ku mboneshakure,ibi akaba yabivuze aho yari yakoreye igitaramo i Texas  muri leta zunze ubumwe za Amerika kumusi  wa Gatandatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2015.

a

Bobbi Brown na Bobbi Kristina.

Tubibutse ko  kw’igenekerezo rya 31 Nzero  2015 ariho Bobbi Kristina  yatorwa mu bwogero yamaze guta ubwenge aca anyarukanwa kwa muganga.Hagumye hibazwa  ko vyoba ari ibiyayuramutwe vyagomba kumuhitana nkuko vyabaye kuri nyina igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2012.Amatohoza gushika ubu ntarerekana icatumye ata ubwenge igihe kingana gutyo, gusa muhira iwiwe bahatoye ibiyayura mutwe igihe igipolisi caja kuhasaka.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane