Peace and Love  bagiye gukora amasanamu ya zimwe mundirimbo banategura album ya 3
0

Peace and Love bagiye gukora amasanamu ya zimwe mundirimbo banategura album ya 3.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:20/04/2015
Inyuma y’amezi 2 umurwi Peace and Love usohoye indirimbo Ndagukumbuye,ngo uriko witegurira gukora amasanamu ya zimwe mu ndirimbo zabo banategura kandi indirimbo 10 zizoba zigize album yabo nshasha.

Amakuru afrifame yahawe na Bobo asanzwe arongoye umurwi Peace and Love  avuga ko muri ino ndwi bagiye gukora amasanamu y’indirimbo “Wombenga “ na “Ndagukumbuye “hamwe n’izindi  zo k’urukurikirane rugira kabiri,izo nazo ni Ninde,Tamba,Ndamujanye,Birahimbaye,Imbuto,Ari hehe na Iragi.

aa

Ku bijanye na Album yabo igira gatatu izoba igizwe n’indirimbo 10,ngo bipfuza ko yosohoka inyuma y’amatora ariko arategurwa.Izo ndirimbo  10 zizoba zigize urwo rukurikirane rugira 3 ngo bazozimenyesha hanyuma.Pacy yamenyekanye muri Etoile du centre akaba ariwe agiye gukora amasanamu yizo ndirimbo.

Tubibutse ko umurwi Peace and Love wavukiye muri Maison  Shalom mu Ruyigi,bamaze gukura hanyuma  bagasohoka  baciye babagurira ivyuma  vy’umuziki bazokoresha.Inyuma yo kwugurura akabare kabo kitwa Imuhira bar  gashobora kubinjiriza amafaranga  ubona ko ari naho bagirira ama karaoke ku misi ya gatanu ni yagatandatu,bahavuye bugurura n’akandi kitwa Peace and Love Bar muntumbero yo kwisahiriza kugira bashobore kwirihira amafaranga yo gukora indirimbo zibona canke zitabona.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane