Hamenyekanye ugutandukana kwa Miley Cyrus  na Patrick SchwazineggerAriana Grande na Big Sean
0

Hamenyekanye ugutandukana kwa Miley Cyrus na Patrick Schwazinegger,Ariana Grande na Big Sean.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:21/04/2015
Amakuru y’abaririmvyi batandukana abadanya kuvugwa mu bimenyeshamakuru bitandukanye.Abagezweho ubu ni umuririmvyikazi Miley Cyrus bivugwa ko yamaze gutandukana n’umukunzi wiwe Patrick Schwazinegger, Ariana Grande nawe atandukana na Big Sean.

Amakuru yagiye ahabona kuri uyu wambere igenekerezo rya 20 Ndamukiza  ashizwe ahabona na E news avuga ko Miley Cyrus na Patrick Schwazinegger bahisemwo kuba barahagaritse ivy’urukundo rwabo.Inyendamuvano ya ndyogo akaba ari ifoto yagiye ahabona aho Patrick Schwazinegger yifotoranije n’uwundi mukobwa atari Miley Cyrus aho yari mu karuhuko I cabo San Lucas mu gihugu ca Mexique  bica biteza ubwumvikane buke hagati yiwe na Miley Cyrus gushika bumvikanye guhagarika urukundo rwabo.

a

Miley Cyrus na Patrick.

Iyo foto yaboneka barikumwe baryohewe nk’abakundana yaciye hirya no hino kumbuga zihuza abantu benshi yatumye Miley Cyrus n’umukunzi wiwe ibintu  bibandanya kuba bibi ariko Patrick we yahakanye yivuye inyuma ko uwo munya Mexikekazi badakundana.

a

Uwo munyamexikekazi atumye bahagarika urukundo.

Miley Cyrus  w’imyaka 22  na Patrick Schazinegger w’imyaka 21, umuhungu wa Arnold Schwazinegger yamenyekanye cane mu gukina amafilime kw’izina rya Commando bari bamaze amezi 5 gusa bakundana.


Si abo gusa kuko Umuririmvyikazi Ariana Grande w’imyaka 21 n’umuraperi Big Sean w’imyaka  27 bamaze gutandukana nabo nyene inyuma y’amezi  8  bari bamaze bakundana.Abo nabo bafashe iyo ngingo bose hamwe inyuma yaho haguma hibonekeza ukwumvikana guke hagati yabo vyashobora no  kuvamwo kwankana bikomeye.

a

Ariana Grande na Big Sean nabo bahukanye.

Naho batandukanye bemeye ngo kuguma ari abagenzi basanzwe ndetse basaba ko abantu batokwinjira mu buzima bwabo cane cane ko icatera ukutumvikana kwabo batarigera banakivuga.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane