Inkuru yumubababaro  Pierre Kalala MUKENDI yasezeye isi afise imyaka 76
0

Inkuru y'umubababaro : Pierre Kalala MUKENDI yasezeye isi afise imyaka 76.

Posted By: Amidou Hassan - On:03/07/2015
N’umwe mubakinyi bakinye neza cane umupira w’amaguru muri kahise , akaba yakiniye igihe kitari gito mumurwi nserukiragihugu wa RDC .Pierre Kalala Mukendi yasezeye isi igenekerezo rya 30 Ruheshi mugihugu ca Afrika yepfo aho yari yatwawe kugira avurwe haraciye amezi atari make bivanye n’ingwara yari arwaye.

Yavutse mumwaka w’1939 aho bita Likasi , i Katanga . Yatanguye gukina mumurwi  wa Us Pand , umurwi yakinyemwo imyaka itari mike , munyuma niho yaciye aja mumurwi wa TP Englebert Elizabethville , ubu yitwa Tout Puissant Mazembe womugisagara ca Lubumbashi . Yafashije uwo murwi gutwara igikombe c’umwaka 1967 n’ico mumwaka w’1968 niwe yatsinze igitsindo kimwe cabonetse muri urworukino. 

ddddd

Ntivyamworoheye kuko imyaka ibiri ikurikira atashoboye kubitwara . KALALA niwe yatumye umurwi wiwe utahukana igikombe cambere kija muri  Zaire aho hambere mugutsinda igitsindo kimwe murukino rwanyuma (Finale) rwakiniwe mugisagara ca Addis Abeba igihe bariko barakina na Ghana (1968) , bamutaziriye ‘’Bombardier” .

ddddd

Mumwaka w’1980 , yatahukanye igikombe ari kuntebe amenyereza TP Mazembe mugihe bariko bakina na Afrika Sport mugikombe ca afrika kumirwi yabaye iyambere mubihugu vyabo ( Vainqueurs de coupe) . Mu 1974 , inyuma yogutahukana igikombe ca Afrika muri Misiri , Kalala yaciye ahagarika ivyogukina .

dddd

 Twobamenyesha yuko munyuma  yaciye afata ikibanza c’uwujejwe ubuhinga (DT) mumurwi nserukiragihugu wa Leopards.  Tubibutse kandi yuko ariwe yari Directeur technique igihe RDC yafata ikibanza cagatatu I Ouagadougou muri Burkina Fasso (Afcon 1998) . Yari yitonda cane , akaba yapima imetero 1 na sentimetero 84 . Azokwama yibukwa mubantu bakoze ibikora inka kuruhande rw’umupira w’amaguru muri RD Congo. 

Yanditswe na AMIDOU Hassan / afrifame.bi - Bujumbura .

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane