Ururirimbo NATACHA yakoranye na YAMOTO Band murwitege vuba cane
0

Ururirimbo NATACHA yakoranye na YAMOTO Band murwitege vuba cane...

Posted By: Amidou Hassan - On:12/09/2015
Murugendo yarimwo rw'indwi zibiri mugihugu ca Tanzaniya , umuririmvyi Natacha yaragize ibakwe ryogukorana akaririmbo n'umurwi utavyorosha na gato muri icogihugu witwa YAMOTO Band.

Iryavuzwe riratashe , nkuko ikinyamakuru canyu afrifame.bi cabibashikirije mukmakuru yaco aheruka , umuririmvyi NATACHA yatwaye ikibanza cambere mumahiganwa ya SICA mugihugu ca Benin mumwaka uheze yari yatumenyesheje yuko azokorana indirimbo n'umurwi wa YAMOTO Band inyuma y'akaririmbo yakoranye na BANANA Zorro akaririmbo yise 'Tuungane'.

dddldld

NATACHA hamwe na Producer SHIRKO.

Akokaririmbo kahinyanyuwe n'umuririmvyi wa kera SHIRKO yamenyekanye cane mukaririmbo 'NAJUWA' baririmbanye na Berry Black . Akokaririmbo ntazina karahabwa mugabo kumakuru dukesha uwujejwe gutanga amakuru Dj Raphan yatumenyesheje yuko kumusi wambere igenekerezo rya 13/9/2015 gashobora kuba kagiye ahabona.

ddllld

Mama wiwe yaramuherekeza igihe agiye muri Studio.

Kubwa NATACHA ngo yari indoto mugabo iyo ukoze wiyemera kesnhi usanga n'abandi bakwemera utabizi , ntiyaduhishije ko abobasore igihe yabasaba ko bokorana munyuma nibo baguma bamwihutisha ko bokorana akokaririmbo igihe yari mugihugu c'Ubutariyano .

ddldllldd

YAMOTO Band n'umurwi utavyorosha mugihugu ca Tanzaniya , umaze kwiyandikira amateka mubisagara bitandukanye vy'iburayi ndetse nokumugabane wa Afrika . NATACHA akaba yafashe akanya kogusubira gushimira umugabo wiwe akunda cane kukigoro , mukwitanga kwiwe ndetse ntiyibagiye nogushimira abantu bose bamufasha mugutuma amenyekana , akaba yarafashe n'akanya kogusubira gusaba ukwihangana k'umuririmvyi DOGO ASLEY mama wiwe mugihe bariko barasohora iyondirimbo muri studio amagara yari amukitse , ubu akaba yarapfuye .

Raba akaririmbo 'AMAHORO ' yahurije hamwe abaririmvyi bitumwako bomugihugu c'Uburundi :

Raba igiteramo yakoze mukwibuka imyaka 53 y'ukwikukira kw'Uburundi :

NATACHA n'umuririmvyi afise ingabirano zokuririmba indirimbo zifise ubutumwa buhanitse na cane cane guhayagiza igihugu ciwe c'Uburundi , guhumuriza abarundi n'akarere , kuririmba indirimbo ziha icizere abarundi n'amakungu muguharanira amahoro arama. 

dddldld

Dogo Asley ISIHAKA na mama wiwe.
Raba isanamu 'Tuungane ' yaririmbanye na BANANA ZORRO :
Yanditswe na AMIDOU Hassan / afrifame.bi - Bujumbura.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane