Gomen naho atabaye uwambere mu matora ngo ikibanza yaronse azokijamwo
0

Gomen naho atabaye uwambere mu matora ngo ikibanza yaronse azokijamwo.

Posted By: Claude Mvuyekure. - On:27/08/2015
Ku musi wambere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015 niho mu gihugu cu Burundi haba amatora y’abakuru b’ama Quartier n’imitumba,umuririmvyi Gomen ni umwe mu bari bitoje.

Umuririmvyi Gomen wo mu gisagara ca Ngozi yari yitoje muri ayo matora yabereye ku mitumba yose igize igihugu ndetse n’ama Quartier.Mu bantu cumi n’umwe bari bitoje kugira barongore umutumba wa Camugani uri kunkengera y’igisagara ca Ngozi,Gomen yatahukanye ikibanza ca gatanu n’amajwi 203.

a

Abari bitoje kuri uwo mutumba  bakurikiranye uku gukurikira:

1.Habonimana Nestor yaronse amajwi 348.

2.Cishahayo Gaspard,334

3.Nsanzuruvugo Adelin,309

4.Minani Celestin,208

5.Nshimirimana Guillaume(Gomen) ,203.

6.Bizimana Bosco,135

7.Tuyizere Idi,117

8.Nduhirabana Venant,111

9.Congera Florence,78

10.Ntunzwenimana Ezechiel,74

11.Banciyeko Evariste,11

a

Ku bijanye n’imigambi  Gomen yari yashize imbereagira  ni uko ibarabara  rihanyuka  ku rya kaburimbo riva mu gisagara ca Ngozi rija i Gitega ashaka kurikoresha rimere neza.Iryo barabara riva kuri kaburimbo ryinjira ku mutumba iwabo rimeze nabi cane hagera mugihe cimvura ho ibintu bikaba bibi gusumba kuko atamuntu asubira kuva munzu.Ikindi ashaka ni uko uwo mutumba woronka ishule kugira abana bige hafi kuko gushika ubu barinda kuduga kwiga mugisagara ca Ngozi.Nkumutumba uri inyuma yigisagara ashaka  kurondera ababafasha kugira hubakwe  ivuriro rito kugira umuntu arwaye mu masaha y’ijoro abantu ntibazosubire kuvunagurika bamutwara kunderuzo bamudugana mu gisagara ca Ngozi ubona ko hasanzwe hanaduga cane.

Umuririmvyi Nshimirimana Guillaume azwi nka Gomen mu muziki muri ino misi afise indirimbo nshasha yitwa Uburongozi aho ahamagarira abarongozi gutwarira bose atanumwe bakumiriye.

 Raba indirimbo Umwaka wambere By Gomen Ft Diouf.

      Claude Mvuyekure-afrifame.bi

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane