Mu Rwanda turakora ariko umurundi  kubona promotion ntivyorosheClobajizzo
0

Mu Rwanda turakora ariko umurundi kubona promotion ntivyoroshe,Clobajizzo.

Posted By: Claude Mvuyekure. - On:01/09/2015
Clobajizzo,umwe mu baririmvyi b’abarundi bari murwanda ariko kumvo z’ishule arabandanya n’ibikorwa vy’umuziki naho kumenyekanisha ibikorwa vyabo muri ico gihugu ngo bitaborohera.

Umuririmvyi Clobajizzo iyo ari mu gihugu  cu Rwanda abandanya akora.Kuri uyu wambere niho yashira ahabona indirimbo mu buryo bw’amajwi yitwa Igishika Yakorewe muri studio yi Kigali F2K Kigali  kwa DavyDenko .Iyo ndirimbo ikaba ivuga ku bantu bakundana.Muri iyo ndirimbo  avuga abwira uwo akunda ko amufitiye igishika,uko amubwira ko amushaka ngo niko umutima uguma umumubaza.Ku musi wa 3 w’iyi ndwi baratangura igikorwa co gufata amasanamu yiyo ndirimbo.Ico gikorwa kikazokorwa n’umuhinyanyuzi Omar  Gust yahora akorera muri studio Roma Records i Ngozi nawe nyene ubu  ari mu Rwanda.

Bikunze ngo arashaka kugaruka mu Burundi mu mpera zino ndwi amasanamu yiyo ndirimbo yaraheze aho azoba aje kuramutsa abavyeyi biwe ace asubirayo kuko ishule rigiye gutangura.Mu Rwanda avuga ko kumenyekanisha indirimbo uri umurundi bigoye cane cane ko indirimbo z’indundi zitavuzwa,aha akavuga ko iyo wumvirije ama radio y’i Kigali wumva  bavuza indirimbo nkiza Kidum,Fizzo  na Sat B naho nyene atari cane.

 a

Clobajizzo na Simple Jizzo

 

Clobajizzo ni inde?

Yitwa Ndayizeye Aime  Colbert  w’imyaka 18 azwi ku kazina ka Clobajizzo mu bijanye no kuririmba akaba yavukiye mu gisagara ca Ngozi.Yatanguye umuziki mu mwaka wa 2011 ari naho yatangura kuja muri studio.Imbere yuko atangura, yahora yandika gusa indirimbo z’abandi kandi bikamuryohera ndetse akaba yarafise i mashini nyabwonko igendanwa irimwo programe z’umuziki akaza arazikoresha mu gukora indirimbo ziwe.

Inyuma yaho  bamenyanye n’uwitwa Sab One baca bashinga umurwi wabo witwa UMP ico gihe  bashika 20 ariko bagenda baravamwo basigara ari 2 gusa ari nawo bakirimwo ari babiri gushika ubu naho muri kino gihe Clobajizzo acishamwo agasohora indirimbo ukwiwe kubera ari Kigali hanyuma Sab One nawe akaba akorera muri studio yo mu kirundo.Ariko naho batari hafi na hafi ngo umurwi ntiwasambutse.Cloba jizzo ubu akaba ari murwanda kumvo z’amashule aho yiga  mu mwaka w’icumi kwishule ry’abakongomani riri mu gisagara ca Kigali.

a

Clobajizzo na Sab One bagize umurwi UMP

Indirimbo yambere batanguriyeko nk’umurwi UMP ni Nfatukuboko babandaniriza kuyitwa  Urugendo,Kazi ni kazi,Ivyo dukora,Wibaziki,Naramaze guhitamwo,Ntarukundo mubantu,Connection,Ni wewe nkeneye,Music,Kuruhande,nizindi .Bamaze kuririmba indirimbo  17 ariko harimwo 3 Clobajizzo yaririmvye kugiti ciwe.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane