Kermesse  yo gufasha  abatishoboye I Ngozi
0

Kermesse yo gufasha abatishoboye I Ngozi.

Posted By: Claude Mvuyekure. - On:03/09/2015
Kumusi wa 6 muri Hotel New Bervedere mugisagara ca Ngozi hazobera Kermesse (igiteramo) kizoba kirimwo udukino tw’ubwoko butandukanye aho hazonatangwa n’udushimwe kubazoba babaye abambere.

Iyo Kermesse yateguwe  w’urwaruka rw’I Ngozi  ruri muri Club Raising Generation ryishinze kuza rirategura ibiteramo muntumbero yo gufasha urwaruka ruba ruri mu biruhuko kuryoherwa.Hambavu yo kuryoherwa,ivyo biteramo bifise intumbero yo gufasha abatishoboye  kuko amafaranga avuyemwo bazoca bayafashisha ba ntaho nikora bahereye kubatwa  baba kumpera zigisagara ca Ngozi.

a

Iyo Kermesse bise “Ngozi En Fete”izoba igizwe n’ibintu bitandukanye,aha tukavuga nk’amahiganwa yo kwoga muri piscine,urukino rwa Billard,kurushanya kwishura ibibazo,n’ibindi.Abazorusha abandi bazoronswa udushimwe tugizwe n’ibikoresho vy’ishule,Bouquet za Canal+,Impene,Inkoko(Isake),n’ubundi.

Abaririmvyi batumiwe kugira bazoririmbe ni Rally Joe na B Face  b’I Bujumbura,umurwi amasuka w’I Ngozi hamwe n’umurwi The Passengers umenyerewe cane mu ma Karaoke muri ico gisagara aho bazocuraranga Live muri iyo Kermesse.Amakuru afrifame yahawe na Regis Bayubahe ajejwe gutanga amakuru muri iyo  Club avuga ko ahanini abanyeshule aribo bagwiriye mubazokina mudukino dutandukanye twateguwe.

Iyo Kermesse ikaba yafashwe mu mugongo na Banki KCB,Canal+,Centre Medico technique de Ngozi,Centre Medical Don Cesar  n’abandi bantu batandukanye b’I Ngozi no mu gisagara ca Bujumbura.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane