Natacha NGENDABANKA yashitse amahoro i Bujumbura inyuma yindwi zibiri murugendo rwakazi i Dar Es Salaam
0

Natacha NGENDABANKA yashitse amahoro i Bujumbura inyuma y'indwi zibiri murugendo rw'akazi i Dar Es Salaam...

Posted By: Amidou Hassan - On:12/09/2015
Inyuma y'ukwezi ari mugihugu c'Ubutariyano mukaruhuko , yaragarutse i Bujumbura yongera kandi arafata imisi 14 y'akaruhuko mugihugu ca Tanzaniya , kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 11/9/2015 niho yashika i Bujumbura .

Akamwemwe kari kwose kumuririmvyikazi NGENDABANKA Natacha kugaruka imuhira aho yari amaze indwi zibiri ari murugendo rw'akazi mugihugu ca Tanzaniya . Nkuko bigaragara muri ayomashusho NATACHA yagarutse n'umuvyeyi wiwe ndetse namutoyi wiwe hamwe n'abana bari bajanye i Dar Es Salaam .

DDDD

Kumvo zokumwereka mama wiwe yamuvyaye urukundo amufitiye akaba yari yaramurihiye itike indege ndetse n'ibijanye vyose n'ukuntu yabayeho i Dar Es Salaam mukiringo c'amezi 5 , akaba rero yamaze amezi 5 yiruhukira ataco yinona mugihugu ca Tanzaniya .

DKDKDKKD

NATACHA mukiganiro gito yaduhaye igihe yashika kukibuga c'indege akaba yatumenyesheje yuko :''Mama wanje yamvyaye ndamukunda cane niyompamvu kumahera nagiye ndaronka kubiteramo ndetse n'ubundi buzi bwokwiteza imbere nsanzwe ndangura nashimye kumurihira akaruhuko k'amezi atanu , ntiyari wenyene kuko yagiye n'abotuvukana ndetse n'abo dusanzwe turera imuhira."

DDDDD

Raba isanamu 'POKEA MOYO WANGU ' yasubiwemwo na Pacy NZITONDA :

Menya neza : Murugendo yagize akaba yatumenyesheje yuko yagize amahirwe yogukorana indirimbo n'umurwi wa YAMOTO Band . Iyinkuru irabandanya...

AMIDOU Hassan / afrifame.bi - Bujumbura .

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane