Uko inkino zagenze mucicaro cambere umusi ugira 3
2

Uko inkino zagenze mucicaro cambere umusi ugira 3.

Posted By: Amidou Hassan - On:20/09/2015
Ihiganwa rikuru ryomucicaro cambere ryabandanije muri , inkino 8 zikaba arizo zakinywe mubibuga bitandukanye vyomu Burundi . Munkino 3 , Vital'o yonyene niyo imaze gukwiza amanota 9 /9.

Ihiganwa ryarabandanije ukuri kwamye , inkino zizkaba zakinywe kumusi wagatandatu igenekerezo rya 19 n'igenekerezo rya 20 mugihugu cose . Umurwi wa Vital'o wararonse amanota atatu bigoranye , umurwi wa Aigles Noirs umenyerezwa na Joslin BIPFUBUSA ukaba warakinye neza .

dddddddsosoosooss

Igitsindo ca Vital'o kikaba cinjijwe na Laudit MAVUGO muminota 13 yanyuma , akaba yatsinze igitsindo ciwe kigira kabiri . LLB S4A nayo munyuma yogutakaza abakinyi batari bake , kuri uyuwamungu igihe c'isaha umunani yerekanye ubuhinga mugutsinda Jeunes athletiques ibitsindo 2-0 , igitsindo cambere kikaba cinjijwe n'umukinyi mushasha azwi kw'izina rya PETER , n'umusatirizi asanzwe afise ubwenegihugu bw'ubugande , akaba amaze kwinjiza 3 munkino 3 amaze gukina .

skskskksssddkdkkd

NYABENDA Athanase batazira CIMBA , umunyegori akuze cane niwe agisamira umurwi wa LLB S4A.

Inter star nayo yirahiye Athletico olympic mukuyitsinda 2-1 , Athletico niyo yatanguye kwinjiza mugice cambere , igitsindo catsinzwe na Alexis ,caje kugomborwa na MOHSIN Chene , icakabiri cinjizwa n'umusore akiri muto yambara inimero 14 muminota 10 yanyuma.

ddddd

Uku niko inkino zagenze kumusi wa 3 w'ihiganwa rikuru ry'Uburundi :

Igenekerezo rya 19/9/2015 :

- Flambeau de l'Est 0-1 Messager Ngozi
- Nyanza Utd 2-2 Elephants
- Les Crocos 1-2 Muzinga
- Olympic Muremera 0-1 Bujumbura City
- Messager Bujumbura 0-1 Olympic star
- Vital'o Fc 1-0 Aigle noir
Igenekerezo rya 20/9/2015 :
- LLB s4a 2-0 Jeunes athletiques
- Athletico olympic 1-2 Inter star.
sksssksksdkkdkd
Abarorerezi bishikira kubwinshi kwirabira inkino nkuko bigaragara muri iyosanamu.
Menya neza : Kumakuru twaronse unomusi amenyeshako inkino zari zitegekanijwe gukinwa kuri uyuwakabiri n'uwagatatu zizosiba kugira bahe akanya abakinyi b'umurwi nserukiragihugu kwimenyereza mukwitegurira inkino zimirije mukwezi kwa Gitugutu. Mugabo izizokinwa kuwagatandatu n'uwa mungu zizokinwa ukuri kwamye.
AMIDOU Hassan / afrifame.bi - Bujumbura.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Ivyiyumviro: 2

Annonymous: Sep 21st 2015, 00:32
Hakuna mapica bro tuone wacezaji jinsi wame badili ma club kaka

Annonymous: Sep 20th 2015, 21:46
Twagomba udufashe amazina y'abakinyi bose ba Vital'o na utubwire amakuru y'umukinyi Steve wa vital'o kuko turi hanz y'igihugu uzoba ukoze.Imana iguhezagire kuko turonga amakuru neza


Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane