MFASHA TUBYINE nindirimbo nshasha ya MK Issaco na Auddy Kelly
0

‘ MFASHA TUBYINE’ n’indirimbo nshasha ya MK Issaco na Auddy Kelly

Posted By: Amidou Hassan - On:21/09/2015
Umuririmvyi Isaac MURWANISHAKA asanzwe afise ubwenegihugu bw’urwanda yashize hanze ururirimbo rwiwe rushasha ruri murutonde rw’urukurikirane azosohora vuba yise” Humura “ . Ururirimbo rugira gatanu kundirimbo amaze gusohora yarukoranye na Auddy Kelly asanzwe aba mugihugu c’Urwanda.

Inyuma y’uturirimbo “Ishimishe , Ndambiwe , Turangije umwaka , Twubahe abavyeyi ‘’ , MK  Issaco yasohoye ururirimbo rwiwe rugira gatanu yataziriye ‘’ Mfasha Tukabyine’’ , urwo ruririmbo rukaba ruri mumudiho ugezweho . Kundirimbo ziwe zambere yasohoye yitazira  IZZO  mugabo bivanye nuko mugihugu c’Urwanda hari uwundi afise itazirano nkiryo yaciye ashima kwitazira MK Issaco .

Umviriza indirimbo 'Mfasha tubyine":

Yamenyesheje ikinyamakuru canyu afrifame.bi yuko akunda umuziki  kandi aripfuza cane gushika kure . Amaze gukora ibiteramo bitari bike aho yashirwa murutonde rw’abaririmvyi babatumire mubufaransa , mububiri , akipfuza umusi umwe gushika mu Rwanda agateramisha abantu kuko nkuko yabandinije yiganira ikinyamakuru cacu indirimbo ziwe nyishi ziratambika zikongera zigahanura abantu kuvyerekeye ubuzima tubayemwo bwamisi yose.

Umviriza akandi karirimbo kiwe : 

AMIDOU Hassan / afrifame.bi – Bujumbura 

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane