Landry Gateka arashima uko igiteramo cI Ngozi cagenze
0

Landry Gateka arashima uko igiteramo c’I Ngozi cagenze.

Posted By: Claude Mvuyekure. - On:21/09/2015
Umuririmvyi Landry Gateka mu mvugo yuzuye umunezero arashima uko igiteramo yakoreye mu gisagara ca Ngozi kumusi wa 6 igenekerezo rya 19 Nyakanga cagenze.

Muri ico giteramo yari yateguriwe na Label Isangi bafitaniye amasezerano yo gukorana mu kiringo c’umwaka wose,Landry ico ashima cane ni uko vyagenze  uko yari  yagiteguye.

a

Igiteramo c’uguruwe n’umuririmvyi Justway wo  mugisagara ca Ngozi hafi isaha cumi na zibiri na n’igice kubera akavura kabanje kurwa bituma kidatangura isaha cumi nimwe nkuko vyari vyateguwe.Justway yuguruye ibirori kundirimbo Bye bye vacance ubona ko n’igiteramo ariko citwa.Yakurikijeko izindi ndirimbo ziwe hanyuma imirwi y’abatamba ivy’ikizungu nka the snappers ,Top Girls na Butterfly  tutibagiye n’abaririmvyi nka Aladin,umurwi  w’abaririmvyi Good Peace,umuririmvyikazi Alice keza  na Kolly barakurikira basimburana mu ndirimbo zitandukanye.Isaha zitatu hafi na n’igice niho Landy yaja kuririmba atangurira ku ndirimbo nyemerera  yakoranye na Alice Keza aho Alice yaciye aja kumufasha ubonako basanzwe barayiririmbanye.Ni indirmbo baririmbiye abari ngaho baranezerwa cane hanyuma aca akurikizaho ibihe vyahise,Habuze iki ,make you dance hamwe na Hora.

Landry avuyeyo haciye hasubira umurwi w’abakobwa Top girls batamba ivy’ikizungu aho batamvye bambaye amabutura magufi  ibirori biraryoha gose bamwe no guhaguruka barahaguruka baratamba .Icibonekeje ni uko urwaruka rw’abahungu bamwe bamwe baguma bashaka kuja kubakorako.Igiteramo casozerewe n’umuririmvyi Frank G80 mu ndirimbo ziwe zitandukanye nka Mukundiki,kuri kakanyoni n’izindi.Isaha zine hafi  n’iminota cumi n’itanu igiteramo niho carangira kandi mu mahoro n’umutekano.

a

Landry na Alice Keza.

Afrifame yavuganye na Landry Gateka ingene yiiyumva inyuma yico giteramo atubwira ati:”Ndashimye uko igiteramo cagenze murabona abantu batashe baryohewe kandi ico dushima ni uko giheze mu mahoro n’umutekano.Iki gikorwa duhejeje gukora kinyeretse ko hari iyindi ntambwe nteye nfashijwe na Label Isangi kandi ndashimye cane.Abankunda bitege ibindi bikorwa vyinshi tugiye kubazanira nk’ibiteramo,indirimbo zibona n’izitabona n’ibindi vyinshi.Ubu ngiye kwihutira gukora indirimbo zitabona  3 vuba kandi zizosohokana n’amasanamu yazo.Nkuko mubibonye,iki giteramo cari ico gushira kumugaragaro ibikorwa tugiye gukorana na Label  Isangi muzobibona ivyo tugiye gukora tuzoza tubibashikiriza.Hanyuma ndashimiye abanyengozi ukuntu batwakiriye,twarabonye ko bakunda abaririmvyi b’abarundi b’iwabo.Ku kijanye na Album naho ni  muntango z’umwaka uza ariko haracarikare kugira tugire ico tubivuzeko ariko umugambi uriho.”

Tubamenyeshe ko ico giteramo cari casivye incuro 2 zose kumagenekerezo ya 29 Myandagaro na 4 Nyakanga uyu mwaka bivuye kutugorane tumwe tumwe twagiye turibonekeza munteguro yaco baca bagishira ku wa 19 Nyakanga kugira igiteramo kibanze gitegurwe neza.

Raba inndirimbo Hora.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane