Ihiganwa ryo kurondera abafise impano yo kuririmba I Ngozi
0

Ihiganwa ryo kurondera abafise impano yo kuririmba I Ngozi.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:22/09/2015
Umuhinyanyuzi Endo Mike akongera akaba n’umuririmvyi mu murwi Amasuka wo mu gisagara ca Ngozi agiye gutunganya ihiganwa ryo kurondera abazi kuririmba neza umudiho wa Hip Hop mu gisagara ca Ngozi nyene.

Iryo higanwa yise  “Endo Mike Talent Search” rizotangura mundwi  zibiri ziri imbere,ubu abakeneye kuzohiganwa n’abandi bariko baritegura bandika indirimbo bazoririmba.Uwambere azohabwa agashimwe k’amafaranga ibihumbi 100 yongere  akorerwe  indirimbo mu buryo bw’amajwi n’amasanamu.Uwakabiri n’uwagatatu nabonyene bazokorerwa  indirimbo nkuwambere ariko uko ari 3 bazoza bararushanya agashimwe uko kangana.

a

Mukiganiro Endo Mike yahaye afrifame yagize ati:”Ni ihiganwa rizohuza abantu bose biyumvamwo umudiho wa Hip Hop baba abana canke abakuze.Ndiko ndarondera abafise impano muri uwo mudiho kugira tubahe amahirwe yo kubakorera indirimbo ibona n’iyitabona ndetse tubahe n’agashimwe .Murabizi aha mu gisagara ca Ngozi  hari abana benshi bafise impano yo kuririmba ariko babuze amahera yo kuja muri studio kugira basohore indirimbo.Umuntu arashobora kuba afise impano  ariko uburyo bukamubera ikibazo.Nfise imidiho ya  Hip Hop itadukanye  ni ukuvuga ko uwuje guhiganwa tuzomushiriramwo umudiho(instrumental) hanyuma aririmbe baze baratanga amanota,mumpera z’ihiganwa tuzoca dufata 3 bambere.”

a

Endo Mike na B Face bafitaniye indiirmbo nshasha"Your Love"

Endo mike  avuga ko uwo mugambi ari rwiwe kandi ngo ntabandi bantu bariko bamufata mu mugongo uretse abagenzi biwe bakorana muri The Machine Touch present hamwe na manager wa studio asanzwe akoreramwo.Iryo higanwa akaba atanumwe yimiriwe yaba umwana canke uwukuze.

Mu makuru yacu ya vuba tuzobabwira umusi ihiganwa rizotangurira.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane