Ivyavuye mumatohoza komisiyo iraba ivyogutunganya amahiganwa yakoze kuvyerekeye abakinyi bahindagura imirwi
1

Ivyavuye mumatohoza komisiyo iraba ivyogutunganya amahiganwa yakoze kuvyerekeye abakinyi bahindagura imirwi.

Posted By: Amidou Hassan - On:23/09/2015
Ikinyamakuru afrifame.bi cashimye kugaruka kuvyerekeye amatohoza ndetse n'ivyapfunditswe kuvyerekeye uguhindagura imirwi 'ibihano vyafatiwe abakinyi bamwe bamwe.Twegereye NDIKUMANA Djuma Day aratubwira vyinshi muvyo komisiyo yiwe yapfunditse.

Bivanye n'itegeko ngenderwako ry'inohiganwa ry'umwaka w'2015-2016 , umusi ugira 4 niwo wari uwanyuma mukugura abakinyi ,abakinyi bamwe bamwe bankiwe gukina gushika aho amatati yabo ava munzira . Icegera c'uwurongoye komisiyo iraba ivyogutunganya inkino DAY DJUMA akaba yatumenyesheje bamwe bamwe mubakinyi bari mumatati mugabo kuvyavuye muvyegeranyo bashize ahabona vyabaye ngombwa ko bakina mugabo nimba ari ideni canke immpari zizoca zikurwa munzira iyo imirwi ibiri yumvikanye .

ddddddd

HAKIZIMANA Issa  & DUHAYINDAVYI Gael 

Aho ninkokubazo c'abakinyi nka :

- HAKIZIMANA Issa ubu yegukira umurwi wa Vital'o Fc , amakuru yanyuma dufise nuko yaguzwe ubudakisubira muri LLB S4A ( Transfert definitif) 

- KAZE Gilbert nawe ikibazo ciwe cakemuwe ubu azokinira Vital'o Fc.

- BANZUZA Jamal akina mumurwi wa Muzinga nawe yahawe uburenganzira bwogukinira uyomurwi gushikaho hagati ya Flamengo na Jeunes athletiques , umwe muri iyomirwi ishira ahabona ibirego vyerekana vyukuri ko uwomukinyi ari rwabo.

- MANIRAKIZA Haruna Lucio nawe nyene azobandanya akinira umurwi wa Athletico Olympic , Inter star na Flambeau de l'Est mugihe izokwerekana ibirego bitomoye , umwe muriyo niwo azoca avugana na Athletico .

- Gael DUHAYINDAVYI nawe ivyiwe bisa nivyaheze hakaba hasigaye gusa yuko Vital'o Fc iriha Flamengo amahera ya transfert , tukaba twamenyeshejwe yuko vyaciye biba ngombwa yuko Vital'o Fc iriha n'amahera yaguze NDAYISHIMIYE Christophe umwaka uheze ubu akinira mu Rwanda. 

- Abbas NSHIMIRIMANA akinira Bujumbura City , kumakuru yanyuma twaronse nuko umurwi wiwe uzotegerezwa gusubiza amahera Vital'o Fc yari yamaze gutanga kuko bari bamaze kuvugana.

- AKIMANA Tresor yakina umwaka uheze muri Athletico , Vital'o ikaba yaramusinyishije imyaka 2 mugabo MANZUZA Aloys akaba yasirnyiraniye umwaka 1 na Vital'o , ikabazo kumakuru dufise nuko Tresor akeneye gukinira Vital'o mugabo imbere yuko afata iyongingo yari yamenyesheje yuko azokinira Athletico . Ibijanye n'murwi azokinira tuzobimenya mumakuru yacu yohanyuma.

- BIZIMUNGU Issa hamwe na Aristide AKIMANA bose uko ari babiri vyafunditswe yuko ari abakinyi begukira Umurwi wa Peace FC , bikaba vyaciye biba ngombwa ko Inter star ivugana na Peace Fc kubijanye nigurishwa ryabo .

- Umurwi wa Olympic star wemeye kuriha amahera bari baguze HAMENYIMANA Claude Cotigno kumurwi wa Aigle noir , Nyanza Utd nayo izoronkamwo murayomahera avuye muri Olympic Muremera.

- GIRUKWISHAKA Alfred yemerewe gukinira umurwi wa Olympic Muremera , ikiringo c'umwaka giheze azoca asubira mumurwi wa Elephants . Umurwi Rumuri womu Kabezi uzoronswa amahera avuye kumurwi wa O.M nk'amahera y'umurwi wamureze.

- HAVYARIMANA Remy hamwe na BUKURU Diomede bose bakinira mumurwi wa Flambeau yomu Rumonge bapfungiwe ukina unomwaka biturutse nuko bakiniye NYANZA Utd batabirekuriwe n'umurongozi wabo .

AMIDOU Hassan / afrifame.bi - Bujumbura 

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Ivyiyumviro: 1

Annonymous: Sep 23rd 2015, 22:01
nakukubali mzeia


Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane