NAHIMANA Shassir abaye uwakabiri mukwinjiza 3 murukino rumwe Day 5
0

NAHIMANA Shassir abaye uwakabiri mukwinjiza 3 murukino rumwe/ Day 5

Posted By: Amidou Hassan - On:26/09/2015
Ihiganwa rikuru ryomucicaro cambere kuruhande rw’umupira w’amaguru rinjiye kumusi wayo ugira 5 , inkino 8 nizo zakinywe mugihugu cose . Vital'o Fc yakinishije abakinyi bayo bose yaguze , Tresor niwe atagaragaye mukibuga gusa.

Munkino zitatu  zakiniwe i Bujumbura kuri uyu wagatandatu 26/9/2015, hinjiye ibitsindo 14. Vital’o ikaba yanyagiye bimwe biteye ubwoba Les Elephants de l’Ouest  y’i Bubanza 5-0 ibitsindo bikaba vyinjijwe na Shassir(3) hamwe na Laudit MAVUGO (2) yakwije ibitsindo 5 akaba ariwe umukinyi amaze kwinjiza vyinshi  aho ukirikigwa na Shassir afise 4 , Abbas afise 3 ...Muzinga isaha umunani Muzinga nayo yatsinze Jeunes athletiques 3-0 . Messager Bujumbura ikaba yanganije na Flambeau de l’Est 3-3 . Umurwi wa Nyanza Utd nawo ukaba wanganije imbere y’abafana bayo 0-0 n’umurwi wa Bujumbura City utaronse amahirwe yogukinisha NSHIMIRIMANA Abbas bitakunze ko agaragara mukibuga gushika aho azotanga amahera Vital’o yari yamuguze , amakuru yokwizera dufise nuko Vital’o yari yamuhaye imiriyoni 4 kugira ayikinire uyumwaka mugabo umurwi wa Bujumbura City ukaba utashoboye kumurekura. Kumusi wayo ugira 5 , Shassir abaye uwakabiri mukwinjiza 3 inyuma ya Abbas akinira Bujumbura City . Kw'igenekerezo rya 27/10/2015 ihiganwa ryarabandanije LLB S4A imwe mumirwi ikomeye mugihugu yaratemvye imbere ya Messager Ngozi 1-0 , iyindimirwi yanganije nkuko mubisoma aho munsi . Tubibutse gusa yuko uyumusi wa 5 w’ihiganwa ariwo uwanyuma , inkino zizoca zisubira igenekerezo rya 31/Gitugutu/2015 kuko ukwezi kwa Gitugutu umurwi nserukiragihugu uzoba urimunkino za Mundial 2018 na CHAN 2016 .

Igenekerezo rya 26/9/2015 :

-Isaha umunani : Jeunes athlétiques 0–3 Muzinga (P. Louis)

-Isaha icumi : Vital’o Fc 5–0 Les Eléphants (P.Louis)

- Isaha icenda : Nyanza Utd 0-0 Bujumbura City (Nyanza)

- Isaha icenda : Flambeau de l’Est 3–3 Messager Bujumbura (C.T.N)

Igenekerezo rya 27/9/2015 :

-          Isaha umunani : Athletico Olympic 1–1 Aigle noir (P.Louis)

-          Isaha icumi : LLB S4a 0–1 Messager Ngozi (P.Louis)

-          Isaha icenda : Crocos 0–0 Olympic star (Rumonge )

-          Isaha icenda : Olympic Muremera 1–1 Inter stars (Kugasaka)

 

Uku niko imirwi irutana amanota (Classement , Day 5 ) :

1.Vital'o Fc 15 points / 10 buts

 

2.  Messager Ngozi 10 points / 3 buts

 

3.Inter  Stars 10 points / 2 buts


4.Bujumbura City 9 points / 4 buts

5.LLB S4a 8 points / 3 buts

 

6.Olympic Star  8 points / 2 buts

7. Muzinga Fc 7 points / 3 but

 

8. Olympic de Muremera 7 points / -1 but

 

9. Athletico Olympic 6 points / 0 but

 

10.  Aigle Noir 6 points / 0 but

11. Messager Bujumbura 5 points / -1 but

12. Les Jeunes Athlétiques 4 points / -5 buts

13. Nyanza United 3 points / -3 but

14. Les Crocos 2 points / - 3 buts

15. Les Eléphants FC 2 points / -7buts

16. Flambeau de l'Est 1 point / -7 buts

AMIDOU Hassan  kubw’ikinyamakuru afrifame.bi i Bujumbura.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane