Alice Keza nawe agiye gukorana na Isangi Label
0

Alice Keza nawe agiye gukorana na Isangi Label.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:28/09/2015
Inyuma ya Landry Gateka amaze kumenyekana ko ariko akorana na Isangi Label,kuva kuri uyu w’imana igenekerezo rya 27 Nyakanaga 2015 hiyongereyeko umuririmvyikazi Alice Keza mu bagiye gukorana niyo Label.

Isangi Label iriko irerekana ko iticaye muri ino misi mu guteza imbere abaririmvyi biciye mu kubafata mu mugongo.Inyuma yo kugirana amasezerano yo gukorana n’umuririmvyi  Landry Gateka,ubu naho hiyongereyeko umuririmvyikazi Alice Keza aho  Isangi Label igiye kumufasha guteza imbere umuziki wiwe mu kiringo c’umwaka ariko gishobora kwongerezwa.Kwumvikana vyaraheze hasigaye ko uwo muririmvyikazi ashira umukono ku masezerano yo gukorera muri iyo label.

a

Muri kino gihe,uburongozi bwa Label buriko buratororokanya ibikorwa vyihuta bugiye gukorera abo baririmvyi  uko ari babiri.Landry Gateka icihuta ni ugukora amasanamu y’indirimbo Nyemerera, ubu hariko hararonderwa igihugu yokorerwamwo kugira izosohoke ifise amasanamu meza iri kurwego mpuzamakungu aho ishobora kwerekanwa kumboneshakure zo mukarere ndetse n’ahandi.

a

Umuririmvyikazi Alice Keza nawe ikigiye gukorwa vuba ni ukumukorera indirimbo mu buryo bw’amajwi.Iyo ndirimbo icipfuzo ni uko yoyikorana n’uwundi muririmvyi wo mu karere canke uwo mu Burundi ariko ageze kuwego rushimishije mu muziki.Iyo ndirimbo ishobora gukorerwa mu gihugu c’ubuganda,murwanda canke mu Burundi bivanye naho umuririmvyi bazoyikorana azoba aba.

Tubibutse ko ibi bije bikurirkira igiteramo iyo label yaheruka gutegurira umuririmvyi Landry Gateka mu gisagara ca Ngozi kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga 2015 aho  yari yaduganye abaririmvyi nka Kolly,Frank G80,Alice Keza n’umurwi Top Girls bari bavuye I Bujumbura bagiye gufasha Landry guteramisha abanyengozi muntumbero yo gusezera abanyeshule bwaca basubira kumashule inyuma y’amezi hafi 2 bari mu biruhuko.  

Raba amasanamu y'indirimbo Izina ryawe.

                  Yanditswe na Claude Mvuyekure.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane