Lolilo ari mu myiteguro  yigiteramo yise Simba imitego Concert
1

Lolilo ari mu myiteguro y’igiteramo yise Simba imitego Concert.

Posted By: Claude Mvuyekure - On:01/10/2015
Amezi 5 ararangiye mu gihugu c’uburundi hari ingorane za Politike zanatumye abaririmvyi batari bake bahunga igihugu ariko Lolilo we uretse kuba atanahunze yagumye akora vyaba ibiteramo,amareresi ndetse n’indirimbo nshasha.

Inyuma y’ibiteramo bitandukanye yaramazemwo imisi ,ubu naho Niyonzima Nassor Saloum azwi kw’izina rya  LOLILO mu muziki  w’uburundi ari mu myiteguro y’ikindi giteramo kizobera  mu kamenge mu gisagara ca Bujumbura  kumusi wa 6 na bukeye bwaho aho azoba ashira ahabona indirimbo yiwe nshasha “Simba imitego”yasohotse kuri uyu wa 3 wino ndwi turimwo.

a

Ni igiteramo kizohuriramwo abaririmvyi batari bake barimwo umufasha wiwe Loliane,Sal-G,T-Max,Chany Queen yigeze kuba umugore wa Lolilo,Bidondo ,Miss Erica na Jay-fire.Hambavu yico giteramo ,Lolilo ariko arafata  amasanamu y’ireresi yiwe igira 5 yitwa”Tama Mbaya” kandi ngo mundwi 2 ico gikorwa kizoba giheze bace batangura kuyatunganya.

Muri kino gihe rero bikaba biboneka ko Lolilo yijukiye cane gukina amareresi  kuko iyo ariko arakora ubu ije yiyongera kuzo yarafise arizo:The Eagles,Mwiba,Malediction na The Hostage imaze ukwezi kumwe igiye hanze, ndetse akaba yaramaze imisi azunguruka ahantu hatandukanye mu Burundi  no muri Kongo harimwo mu biteramo vyo kuyimenyekanisha.

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Ivyiyumviro: 1

Yahya: Oct 25th 2015, 09:57
Courg natw turagushigiky imana ikuj imber ugume utera imber


Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane