Ishirahamwe VIETTEL Burundi ryasinye amazerano yimyaka 2 yogufasha umurwi wIntamba Murugamba
0

Ishirahamwe VIETTEL Burundi ryasinye amazerano y’imyaka 2 yogufasha umurwi w’Intamba Murugamba.

Posted By: Amidou Hassan - On:06/10/2015
Ishirahamwe Viettel rikoresha izina ry’ubudandaji Lumittel ryasinye amasezerano n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Amafaranga angana n’imiriyoni 180 (180.000.000frsbu) niyo ishirahamwe ryogutumatumanako amakuru Viettel yahaye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB mumasezerano basinye y'imyaka 2 .

Yari igihe c'isaha zitanu zagatondo ariho ibirori vyogushirako umukono mumasezerano hagati y'ishirahamwe Viettel na FFB vyatanguye .

ffflfllff

Muri ivyobirori  vyogushira umukono kuri ayomasezerano Nyakubahwa Reveriano NDIKURIYO arongoye FFB mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru n’abandi banyakubahwa bishikiye kucicaro ca FFB habereye ivyobirori yakengurutse , yongera arashima iryoshirahamwe kukuntu yiyumviriye gufasha umurwi nserukiragihugu inyuma ya Brarudi ifasha mw’itunganywa ry’ihiganwa rikuru rya Primus League , AZAM Media ifasha mukumenyekanisha urugero abakinyi b’abarundi .

ddddd

Kubwa Nyakubwahwa Umukuru w’Inama Nkenkuzamateka yongera kandi arongora n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB ndikuriyo Reveriano ayomasezerano yasinywe  hageze kuko ubu umurwi nserukiragihugu uri munkino nyinshi , kandi hari hageze yuko umurwi nserukiragihugu ufatwa mumugongo mubijanye n’ubushirukabute (prime) bw’abakinyi , utugorane duto duto dusaba uburyo  .

dldldlldldld

Igice c’ayomafaranga kizokoreshwa mukugura imyambaro y’abafana , izonyambarwa zizojako ibimenyetso (Logo) vya Lumittel . Amahera abonetse akaba azoguma akoreshwa mugutunganya neza umurwi nserukiragihugu . Ikindi mwomenya camenyeshejwe nuko kuva murukino rwogusubiriza n’umurwi wa Sychelles ikibuga c’Umuganwa Rudoviko Rwagasore kizoba gisayangana hirya no hino ibicapo vya Lumittel , abakinyi mungendo bazogira hanze bakazokwikora muzifise ibimenyetso vya Lumittel . Kubibazo bimwe bimwe vyabajijwe n’abamenyeshamakuru kuvyerekeye igihe inyambaro z’abafana zizoja ahabona .

ddddllld

Yishuye yuko igihe Uburundi buzoronka amahirwe yokuronka itike yogukina CHAN 2016 , ntankeka yuko izonyambaro zizoba zabonetse . Imyambaro zogukina inkino (Match official) nizizojako izo logo , iz’imyimenyerezo , inyambaro bazoba bambaye bagiye guserukira igihugu hanze nizo zonyene zishobora kujako ibimenyetso vya Lumittel .  Umukuru w’ishirahamwe FFB yateye akamo ayandimashirahamwe kutwitwararika ibindi bisata (Football des Jeunes , Championnants provincials ,Football feminins…) mukubifata mumugongo .

dkdkkdkdkd

Ikiringo c’imyaka 2 ni ukuvuga ayamezi 2 asigaye n’uwaka wose w’2016  nico Ishirahamwe Viettel kigiye gufata mumugongo Intamba Murugamba . N’inkuru nziza ku  Burundi kuko n’imbonekarimwe kandi tuzi neza yuko iyindimirwi nserukiragihugu yok’wisi  isanzwe ifise abayifata mumugongo .

AMIDOU Hassan kubw’ikinyamakuru afrifame.bi , i Bujumbura (+257 79 599 991 ) .

Tanga iciyumviro

Amazina
Email

Amategeko n'amabwirizwa birakurikizwa

Inkuru igezweko

Eliminatoires CHAN Rwanda 2016  Uburundi bwanyagiye Ethiopia 20  Raba vido zinkino hamwe na Interview
Eliminatoires CHAN Rwanda 2016 : Uburundi bwanyagiye Ethiopia 2-0 . Raba vidéo z'inkino hamwe na Interview.
Umurwi w’Intamba murugamba ubandanya ugaragaza ubutware munkino 6 zanyuma wakinye ukaba waramaze gutakaza amanita 3 aho batsinzwe na Senegal I Dakar munkino zokurondera itike yogukina igikombe ca Afrika 2017 muri Gabon. Izindi zose bakaba baramaze kuzitsinda.
Break - Oct 18th 2015, 08:32

Izasomwe cyane